Uguhingura amajambo y'ibanga vyofasha abagore b'i Kenya b'abafungwa mu cizere?

Abagore bigishwa ikoreshwa ry'imashini nyabwonko
Image caption Abagore bo mu gasho ka Langata gacunzwe bidasanzwe bafise icizere kidasanzwe muri kazoza kabo

"Igihe ninjira agasho sinari nzi na kimwe mu vy'ubuhinga bw'imashini nyabwonko."

Dorcus, ku myaka yiwe 44, akora akazi ko gusanura imashini 'nyabwonko' z'agasho, aho anasigurira abanyeshure bashasha, akamaro k'ingingo zose z'ivyo vyuma.

Yongeye ati, "Ubu ntaco ntokora. Noshobora no guhingura i mashini nyabwonko".

Dorcus ni umwe mu mbohe 500 ziri mu gasho Langata, gacunzwe bikomeye, i Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya.

Bamwe mur'abo bafungwa barangura igihano cabo bamara hafi imyaka ibiri bamenyekanisha; bakanadandaza ikaranga canke ivyamwa ku nkombe z'amabarabara.

Abandi bishura igihano co guhera yo ku vyaha bakoze, nk'ubwicanyi n'ubusuma burimwo ibirwanisho.

Ivyaha uko biri kwose, ibiharuro vyo mu 2014 vyo mu mabohero ya Kenya, vyerekana ko ku mbohe zose, hagati ya 6 na 8 kuri 10 barasubizwa mu gasho inyuma y'aho barekuriwe.

Image caption Aggrey Mokaya yashinze ikigo 'Change Hub' gifasha abafunguwe gusubira kwibeshaho mu kwigishwa gukoresha ubuhinga bugezwe ho

Aggrey Mokaya w'imyaka 31, yize ivy'uburimyi kuri kaminuza yitiriwe Jomo Kenyatta.

Avuga ati, "Ni ugufasha abantu mu kubaha icizere ubwa kabiri"

Kuri we, "Ni n'ukubereka akaryo ku gukora ibikorwa vyo kwitunga, baba batahora barangura."

Ikigo 'Change Hub' cigisha abo bagore ubuhinga butandukanye, harimwo n'ikoreshwa ry'utumenyetso tw'ibanga.

Aha ni mugihe bari mu vyirwa vyo kwubaka ubuhinga ngurukana bumenyi, canke bariko barasanura ivyuma 'nyabwonko'.

Aggrey aremera ko ubu bumenyi bushasha bugabanura gusubira kuja mu vyaha, ku ba nye Kenya bafungurwa.

Avuga ati, "Uwahoze ari imbohe hamwe n'uwutigeze akora icaha, ni bamwe imbere y'amategeko".

"Nico gituma nibaza ko babwirizwa kuba bamwe n'imbere y'ibikorwa vy'iterambere, mu gushinga imitahe".

Image caption Imbohe zigishwa ubuhinga butandukanye

"Bahakaniwe amahirwe yo kwiga, canke yo gushika mu bibanza vyobahindura, birumvikana ko atayindi nzira tuba tubarungitse mwo atari iy'agasho."

Inyuma y'agasho k'imyaka itatu ku caha ca forode, Dorcus agiye kurekurwa mukw'icumi, 2018.

Avuga ati, "Ndi umupfakazi w'abana batanu. Nico gituma, gusubira kubana n'ibibondo vyanje ari ikintu nyamukuru kuri jewe."

Aza yaramaze kwiyubakira akadirisha (website) k'aho ushobora gusomera ibijanye n'ugushona imideri y'inyambaro, ni yaramuka asohotse agasho.

Asigura ati, "Ko ata modoka mfise, sinzoba mvuye mu gasho ngo nje gusura ivumbi nirirwa ndayerera".

"Bizohindura ubuzima bwanje. Ngiye kuziganya umwanya n'amahera."

Ubutungane bwa Kenya bushira imbere ibihano, ha gushira imbere ugukosora .

Iki nico kibwirizwa guhinduka, nk'uko bivurwa n'umucamanza wa sentare nkuru, shingwamanza Achieng Orero.

Image caption Rahab Nyawira n'igisuguti yikoreye

Avuga ati, "Sinibaza ko hari inguvu ziriko zishirwa hamwe, ku mwumvikano, ngo imbohe zigishwe ingene zisubira mu buzima busanzwe kandi bwiza kuruta".

"Birakenewe cane ko imigambi yo guhana yunganirwa no guhanura, no kwigisha, kuko nico conyene cofasha imbohe irekuwe kugira kinini ifasha ikibano n'igihugu".

Mu kindi gice co hirya y'umuji Nairobi, mu gakoni gatoyi, Rahab Nyawira w'imyaka 35, amara umwanya ategura ibisuguti binakundwa n'abamaze kubihonja.

Yarekuwe mu gasho ka Langata, amaze imyaka itandatu, inyuma y'aho afatiwe yagirizwa ubusuma burimwo ingimba.

"Nta kintu wogereranya n'agasho". Nyawira yongera ati, "Agasho ni ikibanza canyuma umuntu ashobora kurungikwamwo kur'iyi si, ariko jewe cambereye ikibanza c'ihinduka."

Ubu Rahab yashinze urudandaza rwiwe rw'imikate.

Mu migambi yiwe, ashaka kwiyegereza umukobwa wiwe hamwe n'abahungu biwe babiri mur'ako kaganda kiwe.

"Ndashobora kwemeza ko aka kadirisha kanje ku buhinga ngurukana bumenyi, ari inguvu zanje zidasanzwe mur'uru rudandaza".

Yitwengera avuga ati, "Iri dirisha -website- riramfasha guhura n'abandi ba kiliya bashasha, ahantu hose muri Kenya."

Yiyubakiye iryo dirisha ari mu gasho.

"Iki kigo 'Change Hub' canyigishije vyinshi, na cane cane mur'ubu buhinga bw 'ingurukana bumenyi'".

Yemeza ko mu kwiyubakira ako kadirisha, n'amajambo y'ibanga akoreshwa ariwe yayiyubakiye.

"Iyo umukobwa wanje ambonye ubu, numva ndyohewe cane."

Aggrey yemeza ko " Hari iterambere ritangana rifatiye ku buhinga bushasha, ugereranije abagabo n'abagore", asigura igituma ashingira imigambi yiwe ku bagore bapfunzwe.

Ukubona kure

Aggrey ariko arandera abamufasha ngo akomeze ikigo ciwe 'Change Hub', ngo ashobore gushikira hafi abagore 8,000 bafungiwe mu busho butandukanye muri Kenya.

Gushika ubu, abafungwa 21 b'i Langata nibo bamaze kwigishwa n'ico kigo ciwe.

Iyindi ndoto yiwe ni ugushikana uwo mugambi wiwe mu mabohero yose y'igihugu.

Ashinga intahe ati, "Igihe cose uvuze ibijanye n'ubuhinga bushasha, ikibazo kikubazwa ni: kuber'iki utaja kurangurira uwo mugambi wawe mu busho bw'abagabo canke bw'abakiri bato"?

Uru rukurikirane rw'amatohoza ya BBC rwafashijwe n'ikigo 'Bill & Melinda Gates', mu vy'uburyo

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo