Umumenyereza wa Cameroun Clarence Seedorf avuga ko uwo mugwi wugururiwe bose

Umumenyereza w'umugwi wa Cameroun Clarence Seedorf avuga ko ariko arubaka umugwi uzokina mu gikombe ca Afrika mu 2019
Image caption Umumenyereza w'umugwi wa Cameroun Clarence Seedorf avuga ko ariko arubaka umugwi uzokina mu gikombe ca Afrika mu 2019

Umumenyereza wa Cameroun Clarence Seedorf avuga ashimitse ko umugwi wiwe wugururiwe bose ataravye iyo bakina.

Ivyo abivuze inyuma y'aho Benjamin Moukandjo asezereye mu mugwi nserukiragihugu kubera Seedorf atahamagaje abakinyi bakinira mu Bushinwa.

Inyuma gato y'aho Moukandjo akuriye meza, Seedorf yaciye ahamagaza umukinyi w'imbere akina mu Bushinwa Christian Bassagog mu rukino rwimirije kubahuza na Malawi.

Seedorf asigura ati:"Turakurikirana abakinyi bose kandi turabona benshi bafise ubuhinga. Turagerageza kuzana abakinyi bez aba Cameroun."

"Atari beza gusa uravye ubuhinga bwabo, ariko abafise ishaka kandi bazi ico bisigura guserukira iki gihugu.

"Buri mukinyi akeneye kwishimira gukinira Cameroun."

Inkino zimirije z'igikombe ca Afrika 2019 zizobahuza na Malawi, ariko Cameroun ntiziyiraba kuko, nk'igihugu kizakira izo nkino, ntigikenera kwirirwa kirahiganwa.

Seedorf yanganije n'igihugu ca Comore 1-1 mu kwezi guheze, avuga ko amaze kugira umugwi uzitaba mu nkino za nyuma zizoba mu mwaka uza.

Yasiguye ati:"Abakinyi bamwe bamwe bibaza ko bashobora kurindira nk'ukwezi imbere y'uko inkino z'igikombe ca Afrika gitangure kugira bafate ingingo, ariko ivyo ntibishoboka."

"Dushaka kugira umugwi ukomeye cane ari na co gituma wugururiwe bose."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Benjamin Moukandjo ni we yari kizigenza igihe batwara igikombe mu nkino za Afrika zabereye muri Gabon mu 2017

Yabandanije avuga ko ari ibiterasoni kubona Moukandjo, yari kizigenza w'umugwi wa Cameroun igihe yatwara igikombe ca Afrika kigira gatanu yafashe ingingo yo gusezera muri uwo mugwi.

Seedorf yavuze ashimitse ati:"Birababaje kubona Benjamin afata ingingo yo gusezera."

"Igihe navuga abakinyi bo muri Aziya, navuga abakiri bato, sinashaka kuvuga we canke uwundi mukinyi, ari na co gituma Christian Bassogog yahamagawe mu mugwi."

Seedorf yavuze ko ariko araganira n'umukinyi w'inyuma wa Liverpool Joel Matip kugira agaruke mu mugwi nserukiragihugu wa Cameroun.

Ibindi bisa n’ibi