Lulu Jemimah yatangaje benshi muri Uganda inyuma yo kwubaka urwiwe wenyene

Lulu Jemimah Uwufise ububasha kw’isanamu Lulu Jemimah

Umupfasoni umwe wo muri Uganda yatangaje abantu benshi inyuma yo kwiyubakana urwiwe.

Lulu Jemimah w'imyaka 32 yiyubakanye urwiwe mu kwezi kw'umunani mu gisagara ca Kampala avuga ko amaze imyaka myinshi abantu baguma bamuza ryari azoja kwubaka urwiwe.

Jemimah avuga ati:"Mfise imyaka 16 dawe yanditse ikete yo kuzosoma ku musi wo kwubaka urwanje. Igihe cose nagira umusi mukuru w'amavuka yanje, mawe yaguma ansabira, hanyuma muri iyi myaka ya vuba, ivyo yansabira harimwo kuronka umugabo mwiza, ankwiriye."

Mu mwaka uheze, Jemimah yararonse uburenganzira bwo kuja kubandanya kaminuza muri kaminuza ya Oxford mu Bwongereza. Ariko n'aho iyo ari intambwe ihambaye mu vyerekeye indero, abantu babandanije kumubaza ryari azubaka urwiwe kugira avyare abana.

"Ntibategera ko ikintu gituma ndara ntasinziriye atari kutaronka akaryo ko kuja kuri arutari kwambikana impeta."

Kubera ivyo, Jemimah yafashe ingingo yo kwubahumuriza:"Igihe nakwiza imyaka 32 nafashe ingingo yo kwiyubakana jenyene urwanje. Nemera ko jewe nzitunga kandi nkiha n'amahoro."

Uwufise ububasha kw’isanamu Lulu Jemimah

Ubwo bukwe bwatwaye Jemimah amadolari 2.62, yarishe kugira ashobore kwiyunguruza gushika mu kibanza ubwo bukwe bwabereyemwo.

"Umugenzi wanje umwe yarantije ikanzu y'ubukwe, uwundi ansokoza yongera aransiga. Mwenewacu yantije ibirato musanzanje nawe agura gato."

Abatumiwe bose barabwiwe aho urubanza rubera kandi bari basabwe kwirihira ivyo bafungura n'ivyo banywa.

"Ukwubaka urwawe ni ikimenyetso c'urukundo no kwihagararako mu buzima. Ariko ku bantu benshi iwacu muri Uganda, ni bwo buryo bwonyene ku mupfasoni bwo kwikingira cane cane ku kibazo c'amahera. Na jewe ndashaka ivyo bintu, ariko ikintu kimwe gusa bitandukaniyeko n'uko ari jewe jenyene nzoyiha."

Jemimah yanditse izo nsiguro ku mbuga ngurukanabumenyi yo kwegeranya amahera y'abantu bakenye ruzwi kw'izina rya Go Fund Me.

Uwufise ububasha kw’isanamu Lulu Jemimah

Ubu ararangije umwaka wa mbere afashijwe n'abantu bagera ku 279 harimwo abagenzi biwe n'abandi bantu atazi.

Kugira arangize amashure, akeneye amapawundi 10.000 yokoresha mu bindi bintu vya nkenerwa. Gushika mu kwezi kw'icumi yari amaze kuronka ipawundi 4.000 yatanzwe n'abantu 69.

Jemimah yatanguye gusaba iyo ntererano mu misi indwi iheze. Yarigeze kubura amahera yo kuriha icumba. Avuga ko atari kamere kiwe gusaba imfashanyo ariko ko ubwoboba bwo kwirukanwa kuri kaminuza kubera kubura amahera vyabaye ngombwa ko abikora gutyo.

Ibindi bisa n’ibi