Umuyapani yimirije kuja ku kwezi
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umuyapani atunze cane Yusaku Maezawa yimirije kuja ku kwezi ari kumwe n'abazoba bamuherekeje.

Yusaku Maezawa niwe muntu wa mbere aguze itike ryo kugendera mu kigendajuru SpaceX aja ku kwezi mu 2023, akaba yavuze ko azojana n'abakorera mu gisata c'utugenegene barimwo umuririmvyi n'uwukorera mu gisata c'isinema. Uwo muyapani atunze imiliyardi zibiri z'amapawundi.