Igipolisi cafashe 12 kigiye gusambisha ku nyuruzwa rya Mohammed Dewji

Mo Dewji Uwufise ububasha kw’isanamu Mo Dewji
Image caption Umugwizatunga rurangiranwa wo muri Tanzania, Mo Dewji

Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam Lazaro Mambosasa yavuze ko hafashwe abantu 12 bagiye gusambishwa ku bijanye n'inyuruzwa ry'umugwizatunga Mohammed Dewji.

Mu gitondo Mambosasa yavuga ko hari hamaze gufatwa abakozi batatu b'ihoteli Mo Dewji yanyururijweko, bitezwe gusambishwa mu matohoza igipolisi catanguye.

Mohammed Dewji yanyurujwe uyu musi mu gaturuturu ariko arashaka kwinonora imitsi nk'uko bivugwa n'ibimyeshamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania.

Inkuru zitangwa n'ababibonye zivuga ko Mo yashitse mw'ihoteli nziza iri mu karere ka Oysterbay mu gisagara ca Dar es Salaam nk'uko asanzwe abigira buri musi mu gatondo kugira yinonore imitsi.

Acururuka imodoka yiwe, abantu batamenyekanye baciye barasa hejuru hanyuma baca batwara uwo mudandaza mu modoka yabo.

BBC yavuganye n'umukuru w'igipolisi ca Dar es Salaam kw'itelefone, Lazaro Mambosasa, avuga ko iyo nkuru bayumvise kandi ko bariko barabikurikirana.

Mambosasa yasiguye ati:"Twamenye ivyo vyabaye, igipolisi kiriko kirabikurikirana."

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije Januari Makamba asanzwe ari umugenzi wa Mo Dewji yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko yavuganye na se wiwe, aramubwira ko umuhungu wiwe yanyurujwe.

Uwurongoye intara ya Dar es Salaam, Paul Makonda yavuze ko inzego zose zijejwe umutekano ziri ku kazi.

Yavuze kandi ko hari n'abantu batatu bamaze gufatwa, ngo bikagaragara ko abanyamahanga babiri ari bo banyuruje Mo Dewji, ko rero atari Abatanzaniya, ngo hazosakwa ahantu hose bamenye aho baciye n'aho baba.

Mo Dewji ni muntu ki?

Mo Dewji, uretse ko ari umugwizatunga, ni n'umunyepolitike, akaba yarabaye umushingamateka wa Singida imyaka 10 gushika mu 2015 aho yakura meza.

Dewji arakunda kandi inkino akaba afise umutahe mu mugwi w'umupira w'amaguru wa Simba wo mu gihugu ca Tanzania.

Inkuru zitangwa n'ikinyamakuru Forbes candika ku vyerekeye amahera n'ubutunzi, Mo w'imyaka 43 ni we mugwizatunga wa mbere wo mu buseruko bwa Afrika, akaba ari n'umugwizatunga akiri muto muri Afrika yose.

Nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika, Mo afise ubutunzi bw'imiriyaridi 1.5 z'amadolari.

Ibindi bisa n’ibi