Abantu bamaze gupfa bazira umusozi wabaguyeko muri Uganda barenga 40

People gather at the scene of a landslide in Bududa area in eastern Uganda, Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umukuba w'amazi uvanze n'ivyondo wakubuye amazu yose

Uwo musozi wasenyutse kubera imvura nyinshi yaguye mu buseruko bwa Uganda uca uhitana abantu barenga 40.

Hari ubwoba ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana mu gihe umugwi w'igihugu ujejwe gutabara washika muri ako karere.

Uruzi rwataye inzira hanyuma ivyondo n'amazi menshi bihitana ikigwati cose.

Muri ako karere nyene, umusozi warigeze guhitana abantu bagera ku 300 mu mwaka wa 2010.

Ni akarere kagwiriyemwo imisozi kandi kamera cane, ariko kandi kabamwo abantu benshi, bigatuma isi ndimwa igabanuka nk'uko umunyamakuru wa BBC Patience Atuhaire ari i Kampala abivuga.

Igihe ivyo vyashika mu myaka yahera, abanyagihugu bari basabwe kuhimuka ariko benshi baciye bagaruka kubera hamera cane kandi bakaba bafise umuco wo kutavirira ibisigi vy'imiryango.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uruzi rwa Sum rwataye inzira rusuka ivyondo n'amabuye mu mazu y'abantu

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge wo muri Uganda uvuga ko watoye ibiziga 36, ariko abategetsi bo muri ako karere babwiye ikinyamakuru Daily Monitor ko hari ibiziga 40 bimaze gutorwa.

"Umuvugizi wa Croix Rouge, Irene Nakasiita yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Igihe amazi yashunguruka yazananye n'ibibuye binini vyasambuye amazu y'abantu."

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyarungitse umugwi wo gufasha kurondera no gutabara.

Ibindi bisa n’ibi