Onu iranebagurwa kubera abagize abagize akanama k'uburenganzira bw'ikiremwa muntu bashasha

UN officers hold up empty ballot boxes before collecting ballots from delegates at the election of new members of the UN Human Rights Council on October 12, 2018 at the UN in New York. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora y'abagize akanama ka Onu kajejwe uburenganzira bw'ikiremwa muntu yabereye mu nyubakwa za Onu i New York

Ibihugu vyanebaguwe cane ko bihutaza agateka ka zina muntu biri muri 18 bishasha bigize akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu.

Abaharanira agateka ka zina muntu bari basavye ibihugu bigize inama ya Onu kwankira ibihugu vya Philippines na Eritre kuja muri ako kanama, banavuga ko itorwa rya Bahrain na Cameroun riteye "amadidane menshi".

Amerika yavuye muri ako kanama mu kwezi kwa gatandatu, ivuga ko ari nk'agashinyaguro ku gateka ka zina muntu.

Ariko abashigikiye ako kanama bavuga ko bakora akazi gakomeye ko kugwanira agateka ka zina muntu hirya no hino kw'isi.

Ibihugu bishobora kuguma muri ako kanama gafise icicari i Geneve, imyaka itatu yikurikiranya.

Inama ya Onu yaremeje abagize ako kanama bashasha mu matora yo ku wa gatanu. Bubaye ubwa mbere mu mateka y'ako kanama, uburere bune bwitoza, butanze abakandida bangana n'ibibanza bihari, bituma hataba uguhiganwa.

Umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu HRW, Louis Charbonneau yise ayo matora "agashinyaguro" ku rubuga rwa Twitter.

Iryo shirahamwe rivuga ko uruhigi rwa prezida wa Philippines Rodrigo Duterte rw'abadandaza ibiyayura mutwe "rumaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi", Eritrea na yo ikaba ihiga buhongo abatavuga rumwe na yo ari na ko ibapfunga.

Reta ya Philippines irahakana ivyo yagirizwa ko itubahiriza agateka ka zina muntu, ivuga ko prezida Duterte yakoresheje "inguvu ahabwa n'amategeko" mu kugwanya ibibangamiye igihugu. Na Eritrea yarahakanye ivyo yagirizwa, ivuga ishimitse ko ifata neza abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Intambara yo kugwanya ibiyayuramutwe muri Philippines imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi

HRW yaranebaguye Bahrain, ivuga ko ipfunze abantu baharanira agateka ka zina muntu nka Nabeel Rajab. Rajab yamaze mu munyororo imyaka myinshi mu munyororo kuva agiye imbere abaharanira demokrasi mu 2011.

Muri Cameroun, HRW ivuga ko ingabo za reta n'abashaka kwiyonkora bakoza "amabi menshi" mu gice c'ico gihugu kivuga ururimi rw'icongereza. Reta irahakana ivyo yagirizwa. Mu kwezi kwa gatandatu, umuvugizi wa reta yarahakanye ibirego nk'ivyo vya Amnesty International avuga ko ari "ububeshi ata ho bushingiye" bwo gushaka guhungabanya igihugu.