Abagwanyi bakekwa kuba ari aba ki Islam bamaze kwica abantu 90 muri Mozambique

Umusigiti wasambuwe n'abasirikare ba leta ahitwa Nanduadua muri Mozambique, nyuma y'igitero c'abakekwa kuba ari abarwanyi ba ki Islam mu kwezi kwa gatatu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umusigiti wasambuwe n'abasirikare ba leta ahitwa Nanduadua muri Mozambique, nyuma y'igitero c'abakekwa kuba ari abarwanyi ba ki Islam mu kwezi kwa gatatu 2018

Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abagwanyi 104 cagiriza gutegura gufata ibirindiro mu gihugu kibanyi ca Mozambique.

Harabaye n'imiburiburi ibitero vyoza bishika 50 bikekwa ko vyagizwe n'imigwi yitwaza idini rya Islam mu buraruko bwa Mozambique kuva mu kwezi kwa cumi mu 2017.

Abantu mirongo icenda barabuze ubuzima muri ubwo bwicanyi, iyindi miryango irenga 1.000 ita izabo.

Igipolisi ca Tanzania kivuga ko abo bantu bahagaritswe mu bikorwa vy'isaka mu bumanuko no mu buseruko bw'ico gihugu.

Bavuga ko abo bafashwe bemera ko bari bagiye muri Mozambique kuja mu migwi y'intagondwa.

Akarere ka Mozambique gahana urubibe na Tanzania, Cabo Delagado, karangwamwo ubwicanyi muri iyi myaka ibiri iheze.

Umugwi uri inyuma w'ivyo bitero nturigera uvyemera mw'itangazo ko ari wo ubikora.

Abantu baba muri ako karere kasinzikaye bavuga ko ababifisemwo uruhara hamwo abo mu buseruko no hagatimuri Afrika, kandi baguma bategeka abanyagihugu gukurikiza Sharia.

Reta ya Mozambique ivuga ko izohana yihanukiriye abari inyuma y'ivyo bitero, mu karere kegereye ahari ubutare bwa gaze bwinshi cane kw'isi.

Ibindi bisa n’ibi