U Burundi na ONU mu ntambara y’amajambo

Michelle Bachelet yavuze aya majambo ku musi wa kane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Michelle Bachelet yavuze aya majambo ku musi wa kane

Umukuru w'akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu Michelle Bachelet yarerekanye agashavu ku musi wa kane atewe n'ivyashikirijwe n'uwuserukira Uburundi muri Onu agereranya umukuru w'uwujejwe amatohoza ku Burundi nk'uwugira urudandazwa rw'abaja.

Nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters, uwuserukira Uburundi muri Onu, Albert Shingiro, avugira mu nama ku musi wa gatatu yiyamirije icegeranyo ku matohoza yagizwe ku gateka ka zina muntu ku Burundi.

Reta y'Uburundi iramaze kwiyamiriza mwene ivyo vyegeranyo akatari gake, ikaba yaranse ko gufashanya n'abagira amatohoza.

Ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ubuserukizi bw'Uburundi, Shingiro yanditse kuri Twitter yita umukuru w'akanama kagira amatohoza ku Burundi, umunye Senegal Doudou Diène "Umunye Afrika yahawe akazi ko kugurisha igihugu ca Afrika".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Albert Shingiro asuhuzanya na Samantha Power, wahoze aserukira Amerika muri Onu

Shingiro yongeyeko ati:"Si ubwa mbere ivyo bishitse, twagiye tubona abanye Afrika bagurisha abandi banye Afrika mu gihe c'ubukoloni n'ubuja."

Bachelet yavuze mw'itangazo ko "ivyo yavuze biteye agahinda haba ku kungene yabishikirije hamwe n'ibirimwo."

Akanama kajejwe amatohoza karongowe na Diène kashizweho mu 2016 kakaba karasohoye icegeranyo c'impapuro 272 mu ntango z'uyu mwaka, kivuga ko reta n'abayishigikiye bakoze ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu.

"Urudandazwa rw'abaja"

Uburundi bwise ico cegeranyo ko ari ic'"ibinyoma", bunagabisha gukurikirana mu butungane ababunebagura, harimwo n'abo bagize ako kanama batatu.

Bachelet yavuze ati: "Gutera ubwoba bwo gukurikirana abagize ako kanama kubera igikorwa bakoze babisabwe n'akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu - kamwe mu bigize ishirahamwe mpuzamakungu Onu - birababaje bikaba bikwiye ko basokora ubu nyene."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Doudou Diène, umukuru w'akanama kajejwe amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi, ntabonwa neza na leta y'ico gihugu

Yongeyeko ko ati: "Hanyuma kwifatira mu gahanga umukuru w'ako kanama kajejwe amatohoza, Doudou Diène, bamugereranya n'uwugira urudandaza rw'abaja, ni ibiterasoni."

"Inyishu zo gutyoza ku vyatohojwe n'akanama kajejwe amatohoza, hamwe kubandanya kukagiriza ko gakorera abandi bantu bakinyegeje inyuma, hamwe n'uko reta yananiwe gutorera inyishu ivyo ako kanama kabonye, birahanwa."

Kuva habaye igikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015, leta y'ico gihugu ibandanya kwagiriza ibihugu n'inzego zimwe mpuzamakungu kuba biri inyuma y'ico yita guhindura inzego mu Burundi.