Abaserukira abandi mu bitavye ibiganiro vy’abarundi i Arusha barakorera mu mwiherero

Benjamin William Mkapa w'imyaka 79 y'amavuko wahoze ari Perezida wa Tanzaniya, ni we muhuza mu biganiro vy'abarundi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Benjamin William Mkapa w'imyaka 79 y'amavuko wahoze ari Perezida wa Tanzaniya, ni we muhuza mu biganiro vy'abarundi

Mu ntumbero yo gutegura icegeranyo rusangi co gushikiriza umuhuza kuri uyu wa gatandatu, abarundi baserukira imigwi yitavye ibiganiro vy'i Arusha bariko barakorera mu mwiherero.

Abari muri ivyo biganiro bagizwe n'imigambwe itavuga rumwe na reta myinshi ikorera hanze y'igihugu hame n'abahoze ari abakuru b'ibihugu babiri, bose bakaba bashika 50.

Mu vyo bisunga mu kugira ico cegeranyo harimwo urupapuro rw'inzira rwumvikanyweko na reta n'imigambwe iyishigikiye mu Kayanza, icegeranyo c'urwaruka, ico imigambwe itavuga rumwe na reta c'i Entebbe muri Uganda, ico amashirahamwe atavuga rumwe na reta hamwe n'abamenyeshamakuru.

Mw'ijambo yashikirije ivyo biganiro bigitangura, umufasha w'umuhuza Benjamin William Mkapa yavuze ko ivyo abitavye ivyo biganiro bazoshikiriza bitazoba ari icegeranyo ntabanduka.

Benjamin Mkapa yagize ati:" Nzoca mfatira ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza hamwe n'urwo muzoba mumaze kwumvikanako, ndabishire hamwe hanyuma ntange icegeranyo ku muhuza n'inama y'akarere k'ubuseruko bwa Afrika (EAC) kugira bafate ingingo zibereye."

Ivyo biganiro biriko birabandanya mu gihe reta y'Uburundi itavyitavye, aho yari yasavye umuhuza kuvyungururiza mu kwezi kwa cumi na rimwe na we aravyanka.

Reta kandi yari yasavye kubanza kumenyeshwa urutonde rw'abazovyitaba, kandi bakiga ku rupapuro rw'inzira rwo mu Kayanza gusa.

Gushika ubu nta ntumwa z'Uburundi ziraja muri ivyo biganiro.

Hagati aho, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (UE), ryaraye ryongereje ikiringo c'ibihano ryafatiye Uburundi gushika itariki imwe z'ukwezi kwa cumi mu 2019.

Ibindi bisa n’ibi