Isango ry'umuhuza mu biganiro vy'Abarundi vy'i Arusha muri Tanzaniya rirangiye icegeranyo kitaraboneka

Bamwe mu bitavye ibiganiro vy'Abarundi vy'i Arusha muri Tanzaniya
Image caption Bamwe mu bitavye ibiganiro vy'Abarundi vy'i Arusha muri Tanzaniya

Akagwi kagenywe mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi - ari na yo yonyene iri mu biganiro i Arusha - kariko karasozera igikorwa co kwandika icegeranyo rusangi ku vyokogwa kugira ngo amatora yimirije mu Burundi mu 2020 azobe mu kuri, mu mwidegemvo, yongere yemegwe na bose.

Umuhuza Benjamin William Mkapa yasavye abategura icegeranyo ko bokwisunga icegeranyo c'imigambwe iri ku butegetsi, iyo bicuditse n'iyindi itandukanye casohorewe mu Kayanza i Burundi, n'icegeranyo c'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi casohorewe i Entebbe muri Uganda uno mwaka.

Yasavye kandi ko bokwisunga n'ivyiyumviro vyavuye mu biganiro vy'ibiro vy'umuhuza hamwe n'imigwi itandukanye, uw'amashirahamwe ategamiye leta, uw'abakenyezi, uw'urwaruka, uw'abihebeyimana hamwe n'uw'abamenyeshamakuru.

Isango ry'amasaha 48 uhereye ku munsi wa kane umuhuza yahaye abategura icegeranyo rusangi ngo babe bakimushikirije ryarangiye kitabonetse, abahamagariwe ico gikogwa bakiri mu mwiherero.

Ibi biganiro bya gatanu ari navyo vya nyuma, bitegekanijwe kurangira ku munsi wa mbere itariki ya 29 z'ukwezi kwa cumi, ariko bikaba vyitabwe n'uruhande rumwe gusa rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Bamwe mu biyamirizaga ibiganiro vy'i Arusha, ubwo bari mu myigaragambyo i Bujumbura mu kwezi kwa kabiri mu mwaka ushize wa 2017

Leta y'u Burundi yaranse kwitaba ivyo biganiro, isigura ko hari ivyo yari yasavye umuhuza bitakurikijwe, nk'ukwungururira ibiganiro mu kwezi kwa cumi na rimwe, igahabwa urutonde rw'abatumire, nuko ibiganiro vyoshimikira ku vyapfunditswe mu nama yo mu Kayanza i Burundi.

Ivyo navyo umuhuza mu biganiro William Mkapa akaba atavyemeye, afata ingingo yo kubandanya ibiganiro n'abitavye.

Icegeranyo cizosohogwa ejo nico umuhuza azokwisunga agifadikanije n'icegeranyo ca Kayanza c'imigambwe iri ku butegetsi n'iyo bicuditse n'iyindi yitabye iyo nama ya Kayanza.

Nuko akore icegeranyo rusangi azoshikiriza umuhuza mukuru Perezida Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda, n'inama y'abakuru b'ibihugu b'umuryango wa Afrika y'ubuseruko.

Ibiganiro bifise intego yo kurangiza indyane za politike ziri mu gihugu c'u Burundi.

Zadutse inyuma yaho Perezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo guhiganigwa ubutegetsi mu kiringo ca gatatu - abatamuha ni rwere bavuga ko kinyuranye n'amategeko - mu nyuma haduka imigumuko n'ubwicanyi bwahitanye barenga 1000 abandi hafi ibihumbi 500 bahungira inyuma y'igihugu.

Ibindi bisa n’ibi