Indege Lion Air yo mu bwoko bwa Boeing 737 yakorotse inyuma yo kuguruka iva Jakarta

Incuti z'abantu bari muri iyo ndege batanguye gushika aho batangira imfashanyo zihuta ku kibuga c'indege i Jakarta ca Soekarno Hatta mu kwezi kwa cumi, itariki 29, 2018. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Incuti z'abantu bari muri iyo ndege batanguye gushika aho batangira imfashanyo zihuta ku kibuga c'indege i Jakarta

Indege itwara abantu ya Lion Air yo mu bwoko bwa Boeing 737 yakorotse inyuma y'umwanya muto igurutse iva ku kibuga c'indege co mu gisagara ca Jakarta nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Indonesia.

Iyo ndege nimero JT-610 yari itaye abantu 188 ivuye kuri uwo mugwa mukuru wa Indonesia igana i Pangkal Pinang, igisagara kiri mu mazinga ya Bangka Belitung.

Inyuma y'amasaha atari make igurutse, ntiyasubiye kuboneka kuri radari aho yariko irajabuka ibahari.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, abategetsi bavuze ko iyo ndege nshasha yo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX 8 yari itwaye abantu bakuze 178, abana batatu, abadereva babiri n'abakozi bandi bo mu ndege batanu.

Yusuf Latif, umuvugizi w'abajejwe gutabara yabwiye abamenyeshamakuru:"Vyamaze kwemezwa ko iyo ndege yakorotse."

Uwufise ububasha kw’isanamu Basarnas
Image caption Abajejwe gutabara bari mu kibanza iyo ndege yakorokeyemwo

Umukozi w'iryo shirahamwe ry'indege yabwiye BBC ko bataramenya icatumye iyo ndege ikoroka.

Umutegetsi mukuru Edward Sirait yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters:"Nta co dushobora kuvuga ubu. Turiko turagerageza kurondera insiguro n'ibindi bimenyetso."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indege ya Lion Air iri i Palu (Ifoto y'i maktaba)

Ibimenyeshamakuru vyo muri Indonesia vyasubiyemwo umukozi wo ku kivuko ca Tanjung Priok avuga ko abakozi bo mu bwato butobuto buherekeza ubwato bunini bavuze ko babonye ibisigarira vy'iyo ndege mu mazi.

Suyadi, akoresha izina rimwe nk'abanyagihugu benshi bo muri Indonesia, yavuze ko n'ubundi bwato bwafashe inzira bugana ako gace kabereyemwo isanganya.

Iyo ndege ifise nimero JT-610 yavuye Jakarta isaha 06:20 zo muri ico gihugu ku wa mbere mu gitondo (23:30 GMT ku wa mungu).

Imaze kuguruka umwanya muto, vyari vyitezwe ko ishika i Pangkal Pinang inyuma y'isaha imwe.

Bivugwa ko iyo ndege ari iyo mu bwoko bwa Boeing 737 MAX 8, indege yatanguye gukoreshwa kuva mu 2016.

Urubuga rwerekana inzira y'iyo ndege rwa Flightradar 24 ruvuga ko iyo ndege yashikanywe mu minwe ya Lion Air mu kwezi kw'umunani.

Umuhinga muvyo gutwara indege, Gerry Soejatman yabwiye BBC ko iyo ndege yo mu bwoko bwa MAX 8 iguma igira ingorane kuva itanguye gukoreshwa, na cane cane mu gihe co kuguruka.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyi ngege ya Lion Air yaraguye mu mazi mu 2013, ariko abarimwo bose bararokoka

Igihugu ca Indonesia kigizwe n'amazinga menshi, gikoresha cane indege mu kwiyunguruza, ari na ko ivugwamwo amasanganya menshi y'indege.

Lion Air n'ishirahamwe ry'indege.

Mu 2013, indege y'iryo shirahamwe rya Lion Air nimero 904 yarakorokeye mu mazi i Bali iriko iragerageza kugwa ku kibuga c'indege ca Ngurah Rai.

Abari muri iyo ndege ko bari 108 bose bararokotse.

Mu 2004, iyindi ndege ya Lion Air nimero 538 yariko irava i Jakarta yarakorotse icikamwo ibipande igihe yariko iragwa mu gisagara ca Solo ihitana abantu 25.