Abatavuga rumwe na leta y'u Burundi bari mu biganiro Arusha basavye ko ibwirizwa shingiro ryatowe mu kw'indwi rifutwa

Benjamin Mkapa azoshikiriza umuhuza Museveni ivyo impande zose zamubwiye
Image caption Benjamin Mkapa azoshikiriza umuhuza Museveni ivyo impande zose zamubwiye

Mu gihe ibiganiro bihuza abarundi ariko bititabwe na leta vyaraye bisozerewe i Arusha muri Tanzania, abatavuga rumwe na leta bashikirije umuhuza ivyo basaba kugira amatora ya 2020 azokunde.

Abo banyepolitike bashikirije umufasha w'umuhuza, Benjamin Mkapa, icegeranyo c'ivyo basaba birimwo ifutwa ry'ibwirizwa shingiro rihinyanyuye riheruka kwemezwa hamwe n'ifutwa ry'umugwi ujejwe amatora.

Basavye kandi ko hakurwako imitahe yo gufata abantu barenga 30 yasohowe na leta y'u Burundi, ibagiriza kugira uruhara mu migumuko nu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Ikindi abo banyepolitike batavuga rumwe na leta y'u Burundi basaba, ni itahuka ry'impunzi zahunze imvururu zo mu 2015, bavuga ko zishika 450.000.

Umuhuza Mkapa yavuze ko agiye kwihweza ico cegeranyo, agifadikanye n'icegeranyo c'imigambwe iri ku butegetsi n'iyo bicuditse casohorewe mu Kayanza i Burundi.

Azoca agira icegeranyo rusangi azoshikiriza umuhuza mukuru w'ibiganiro, Perezida Yoweri Museveni.

Image caption Basavye kandi ko hakurwako imitahe yo gufata abantu barenga 30 yasohowe na leta y'u Burundi

Umufasha w'umuhuza David Kapya yagize ati: "Bakoze iminsi itanu, bashikiriza mu gitondo icegeranyo bumvikanyeko kirimwo ivyiyumviro vy'icokogwa mu kurangiza uruhagarara rwa politike ruri mu Burundi.

"Umuhuza yashimye kuba bashoboye gukora nk'umugwi umwe. Kuva ubu, umuhuza agiye kwihweza icegeranyo afise hamwe n'ico yahawe mu gitondo, mu nyuma atunganye icegeranyo azoha umuhuza Yoweri Museveni."

Abamaze iminsi mu biganiro vya nyuma bari mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, bateye igikumu ku cegeranyo basohoye batisunze imigwi baturukamwo.

Yishura abamenyeshamakuru, Kapya yavuze ko Prezida Museveni n'abakuru b'ibihugu b'akarere ari bo bazoshikiriza ingene ibiganiro ku matati y'abarundi bizobandanya.

Mkapa kandi yamenyesheje ko igikorwa yasabwe kurangura kirangiye uno munsi.

Reta y'Uburundi yaranse kwitaba ivyo biganiro, isigura ko hari ivyo yari yasavye umuhuza bitakurikijwe, nk'ukwungururira ibiganiro mu kwezi kwa cumi na rimwe, igahabwa urutonde rw'abatumire, n'uko ibiganiro vyoshimikira ku vyapfunditswe mu nama yo mu Kayanza i Burundi.

Ivyo na vyo umuhuza mu biganiro William Mkapa akaba atavyemeye, afata ingingo yo kubandanya ibiganiro n'abitavye.

Image caption Abahoze ari ivyegera vy'umukuru w'igihugu Frederic Bamvuginyumvira (i bubamfu) na Gervais Rufyikiri (i buryo)

Ibiganiro bifise intego yo kurangiza indyane za politike ziri mu gihugu c'Uburundi zadutse inyuma y'aho Prezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo guhiganigwa ubutegetsi mu kiringo ca gatatu.

Abatavuga rumwe na reta bavuze ko yarenze ku mategeko.

Haciye haduka imigumuko n'ubwicanyi bwahitanye abantu barenga 1000 abandi hafi ibihumbi 500 bahungira inyuma y'igihugu.