Angela Merkel azokura meza mu mabanga y'ubushikiranganji wa mbere mu 2021

German Chancellor Angela Merkel closes her eyes as she gives a press conference on 29 October Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Merkel yatanze ikiganiro ku bamenteshamakuru ku wa mbere

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yavuze ko azokura meza muri ayo mabanga mu 2021 inyuma yo gutsindwa mu matora yo mu turere.

Mu kiganiro yatangiye i Berlin yavuze ati:"Sinzosubira kwitoza ikiringo canje kirangiye."

Yanavuze ko ashobora no kudasubira kwitoza nk'umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi wa CDU mu kwezi kwa cumi na kabiri. Ari muri aayo mabaanga kuva mu 2000.

CDU yaronse amajwi make cane mu matora yo ku w'Imana mu karere ka Hesse, kamwe muturere uwo mugambwe utsinzwemwo mu matora ya vuba.

Yaba CDU n'umugambwe bifatanije gutwara wa 'ocial Democrats' basubiye inyuma ibice 10% vy'amajwi baheruka kuharonka.

Ayo matora abaye inyuma y'indwi zike umugambwe wa Merkel, CSU utsinzwe mu matora y'abashingamateka.

Ibindi bisa n’ibi