Abahoze ari abarwanyi ba FDLR begeranirijwe i Kisangani muri Kongo ntibagira ayo bacira n'ayo bamira

Abahoze ari abarwanyi ba FDLR bashize ibirwanisho hasi bariko baregeranirizwa hamwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahoze ari abarwanyi ba FDRL bavuga ko bagiye gupfira mu nkambi ya Bahuma i Kisangani muri Kongo

Abahoze ari abarwanyi b'umugwi urwanya ubutegetsi bw'u Rwanda, FDLR, bashize ibirwanisho hasi bakajanwa i Kisangani, ngo bari mu kwicwa n'inzara bakanabwirizwa gutaha mu Rwanda.

Abo bahoze ari abarwanyi bashize ibirwanisho hasi mu 2014, begeranirizwa mu nkambi ya Bahuma iri i Kisangani mu buraruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Intumbero yari uko barondererwa ahandi baba muri Kongo canke bakajanwa kuba mu kindi gihugu kitari u Rwanda.

Haciye imyaka ine rero ata kirahinduka, bakavuga ko Kongo yababwiye ko bagomba kuba bavuye ku butaka bwayo bitarenze itariki 20/10/2018, bagatahuka mu Rwanda.

Ariko bo bavuga ko badashobora gutahuka ngo kuko umutekano wabo mu Rwanda utizewe, mu gihe bavuga ko bafise amakuru y'uko bagenzi babo batahutse bamwe bishwe, abandi barafungwa eka mbere ngo hari n'abagarutse muri Kongo.

Umva ingene Faustin Mugisha abahagarariye aheruka kuvyiganira BBC Gahuzamiryango. Bavuga ko bose hamwe, abahoze ari abarwanyi n'imiryanyo yabo bashika 838.

None bari babayeho gute?

Bagishikanwa mu nkambi ya Bahuma, umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo, MONUSCO, wasabwe na leta y'ico gihugu kuba urafashije abo bahoze ari abarwanyi n'imiryango yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption MONUSCO ivuga ko yafashije uko ishoboye abegeranirijwe mu nkambi ya Bahuma

MONUSCO ngo yaremeye kubaronsa ibifungurwa, amazi hamwe n'imiti vy'agateganyo ngo kuko mu vyo isanzwe ijejwe ivyo bitarimwo.

Ariko iheruka guhagarika iyo mfashanyo kuko umwumvikano ari uw'uko abo bantu bategerezwa gutahuka iwabo.

Kanda ngaha wumve ingene umuvugizi wa MONUSCO, Florence Marshall, abisigurira BBC Gahuzamiryango

Kongo ivuga ko ata burenganzira bafise

Igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo coco kivuga ko umuti atari uwundi kiretse gutahuka kw'abo bantu mu Rwanda.

Mu kiganiro aheruka guha BBC, mu majambo atomoye, umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta, Lambert Mende, yita abo bantu "abicanyi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji Lambert Mende yegeka amabi abera mu buseruko bwa Kongo ku barwanyi ba FDLR

Bwana Mende avuga ko ata burenganzira na bumwe bafise muri Kongo, ko ikintu conyene bategerezwa gukora ari gutaha iwabo.

Yanavuze ko amabi y'ubwicanyi no guhohotera abagore vyagiye biraba mu karere k'ubuseruko bwa Kongo "vyazanywe n'abo barwanyi baje bahejeje gukora amahano mu gihugu cabo".

Umviriza ngaha ikiganiro Lamber Mende aheruka guha BBC Gahuzamiryango.

Ikibazo c'abahoze ari abarwanyi ba FDLR bashize ibirwanisho hasi hamwe n'imiryango yabo ubu kiragoye cane kugitorera umuti.

Babwirwa gutaha iwabo mu Rwanda, ariko bobo bakavuga ko umutekano wabo utizewe, kandi ko hari n'abatahutse bagausbira bagahunga, ariko leta y'u Rwanda ikemanga ko umutekano ari wose ku banyarwanda bose.

Mu gihe rero Kongo ivuga ko itakibashaka ku butaka bwabo, ONU nayo canke ibihugu vy'akarere bikaba ata muti bishira imbere, biragoye kumenye aho aba bantu bagiye kwerekeza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption FDLR igizwe na bamwe mu bahoze mu gisirikare c'u Rwanda ca kera, FAR, bahunze u Rwanda mu 1994 FPR imaze gufata ubutegetsi

Bashitse muri Kongo gute?

Aba bahoze ari abarwanyi ba FDLR bagizwe ahanini n'abanyarwanda b'Abahutu, bamwe bahoze mu gisirikare ca kera c'u Rwanda, FAR, bahungira muri Kongo nyuma ya genocide yo mu 1994, FPR imaze gufata ubutegetsi.

Bagirizwa na leta y'u Rwanda kuba baragize uruhara mu bwicanyi bw'abatutsi hamwe no kuba bafise umugambi wo guhungabanya ubutegetsi.

Bobo ariko bavuga ko barwanira uburenganzira bw'impunzi bwo gutahuka zigatura mu gihugu cazo zisanzuye.

Hari ivyegeranyo bitandukanye vyagiye birabegekako ubugizi bwa nabi bwagiye burabera mu buseruko bwa Kongo mu myaka irenga 20 iheze, ariko bobo barabihakana.