Mu Burundi haratanguye kwibonekeza ingaruka zivuye kw'ihagarikwa ry'amashirahamwe yigenga, ONG

Uwurongoye Radio Isanganiro, Sylver Ntakarutimana
Image caption Uwurongoye Radio Isanganiro, Sylver Ntakarutimana, avuga ko gutunganya ubuzima bwa misi yose bw'iradio biratugora cane

Ingingo yo guhagarika amashirahamwe mpuzamakungu yigenga mu kiringo c'amezi atatu iherutse gufatwa n'inama nkuru y'umutekano mu Burundi itanguye kugira ingaruka.

Izo ngaruka ziribonekeza ku mashirahamwe y'abarundi n'amaradio yigenga yafashwa n'amashirahamwe mpuzamakungu.

Abayaserukira bavuga ko imwe mu mirimo barangurira mu banyagihugu yaciye ihagarara kubera ubukene bw'uburyo, bamwe mbere bakavuga ko babuze n'amafaranga yo guhemba abakozi.

Abarongoye amashirahamwe agera kuri 6 BBC yagendeye mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko ahanini imigambi yabo yahora ifashwe mu mugongo n'amashirahamwe mpuzamakungu ari mu yahagaritswe.

Ingaruka zibonekeza kandi ku maradio yigenga, karorero, ubuyobozi bwa Radio Isanganiro bumenyesha ko amafaranga yahora yinjira muri iyo radio aciye mu gisata c'ubudandaji yagabanutse cane.

Radio Isanganiro yagabanije ibikorwa

Iyi radio yahora itanga umwanya w'iminota irenga 90 ku bantu bagira ihayanisha, bari bagizwe ahanini n'abo mu mashirahamwe, ariko ubu uwo mwanya waragabanutse gushika ku minota 30.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook Radio Isanganiro
Image caption Radio Isanganiro iri mu mashirahamwe yahuye n'izo ngaruka

Vyongeye, amashirahamwe nka Benevolencia, Adra, Oxfam na Search For Common Ground yahora afasha yarasokoye nk'uko bimenyeshwa na Sylver Ntakarutimana arongoye Radio Isanganiro.

Yagize ati: "Gutunganya ubuzima bwa misi yose bw'iradio biratugora cane kubera ata mafaranga dufise. Hari n'igihe abamenyeshamakuru babura ingene bashika ku rubuga kubera ubukene bw'igitoro".

Uwo muyobozi n'ubwo atavuga uruhombo bagize ingene rungana, afise ikibazo co guhemba abakozi.

Ingingo ihagarika amashirahamwe mpuzamakungu yagiye mu ngiro kuva kw'igenekerezo rya mbere gitugutu.

Inama nkuru y'umutekano yayifashe yagirije ayo mashirahamwe kutubahiriza amategeko y'u Burundi.