Umukuru w'inyeshamba Riek Machar yakiriwe nka "nyenicubahiro" atahutse muri Sudani Yepfo

Riek Machar agiye kuba icegera c'umukuru w'igihugu ku masezerano y'amahoro yumvikanyweko Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Riek Machar agiye kuba icegera c'umukuru w'igihugu ku masezerano y'amahoro yumvikanyweko

Umukuru w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar yakiranywe icubahiro c'abategetsi ashitse ku mugwa mukuru Juba inyuma y'imyaka ibiri ahunze.

Bwana Machar yahora arongoye umugwi w'inyeshamba wagwanya Perezida Salva Kiir, yashize igikumu ku masezerano y'amahoro mu kwezi kw'umunani.

Yakiriwe nk'umunyacubahiro igihe ashitse ku kibuga c'indege ca Juba.

Ku bwayo masezerano, agiye kuba umwe mu vyegera bitanu vy'umukuru w'igihugu.

Bwana Machar aza kuba ari mu birori vy'umunsi wahariwe amahoro mu gihugu, nkuko vyashikirijwe n'umuvugizi wiwe.

Abakuru b'ibihugu vy'akarere bavuye mu bihugu vya Etiyopiya, Somalia, Uganda na Sudani, baza kuba mw'ivyo birori.

Umugwi wa Onu warungitswe mu gihugu ca Sudani Yepfo wasohoye kuri Twitter ifoto yerekana isinzi ry'abantu bitavye ivyo biganiro.

Umuvugizi Lam Paul Gabriel yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press, ko umuzo wiwe ari ikimenyetso ko yiyemeje gukomeza amahoro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Riek Machar agiye kuba icegera c'umukuru w'igihugu ku masezerano y'amahoro yumvikanyweko

Mu ndwi iheze, Bwana Machar ntiyitabiriye ubutumwa bwa Perezida Kiir bwamusaba kugaruka mu gihugu, ariko umuvugizi wiwe yavuze ko impande zose zikwiye kwizerana niba zipfuza amahoro.

Sudani yepfo yiyonkoye kuri Sudani mu 2011, munyuma ica yinjira mu ndyane mu kwezi kwa 12 biturutse ku kugwanira ubutegetsi hagati ya Bwana Kiir na Bwana Machar.

Harabaye kenshi ukugerageza gutorera umuti ico kibazo c'indyane ariko biba impfagusa.

Muri ino ndwi igisata ca Onu kijejwe ibibazo vy'ibifungugwa "Programme Alimentaire Mondiale" (PAM), cavuze ko ingwano iri hagati y'imigwi ishamiranye yabujije kugeza imfungugwa mu turere bazikeneye cane.

Bwana Machar yaragarutse rimwe i Juba mu 2016, ariko biba ngombwa ko asubira guhunga ingwano yadutse.

Ibihumbi amajana barishwe mu ngwano yatumye abantu imiliyoni bava mu vyabo.