Ubutegetsi bwa Tanzaniya bugiye kugena umugwi uhiga abakundana basangiye igitsina

Abahungu babiri bicaranye
Image caption Imibonano y'abasangiye igitsina ntiyemewe mu gihugu ca Tanzaniya

Igipolisi ca Tanzaniya camenyesheje ko kigiye kugena umugwi wo guhiga abakundana basangiye igitsina ku mbuga hwaniro, munyuma batabwe mu mvuto.

Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam, Paul Makonda, yavuze ko uwo mugwi w'abantu 17 uzoba urimwo abakozi ba leta bo mu gisata c'itumanako "Tanzania Communications Authority", igipolisi hamwe n'abo mu gisata c'itangazamakuru.

Umurimo wabo uzoba ari gusesengura amakuru yo ku mbuga hwaniro ngo bamenye abantu baja mu mibonano y'abasangiye igitsina.

Mu nama n'ibigo vy'itangazamakuru, Bwana Makonda yahamagariye abanyagihugu guhanagura amafoto y'abantu bari gusa mu matelefone yabo, agabisha ko hazofatwa ingingo zikomeye ku baraba ubusambanyi bwo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yagabishije amashirahamwe y'agateka ka zina muntu ko imibonano y'abasangiye ibitsina itemewe n'amategeko mu gihugu ca Tanzaniya.

Nta tegeko ribuza imibonano y'abasangiye igitsina muri Tanzaniya, ariko iy'abahungu ku bahungu ifatwa nk'icaha gihanishwa igipfungo c'ubuzima bwose.

Ikibazo c'abantu baja mu mibonano y'abasangiye igitsina kiravugwa cane mu gihugu, kuva igihe Perezida John Magufuli atorewe mu 2015.

Amavuriro avugwa ko ashigikiye imibonano y'abasangiye igitsina aramaze kwugagwa mu muji wa Dar es Salam, bituma abantu bari muri uwo mugwi babaho binyegeje.