Umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira mu Burundi, CVR, wongejwe ikiringo c'itohoza gushika igihe c'igikoroni

Mu Burundi hazotohozwa amabi yabaye kuva ku gihe c'ubukoroni Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu Burundi hazotohozwa amabi yabaye kuva ku gihe c'ubukoroni

Kiretse kwongerwa ikiringo c'imyaka ine yo guheraheza igikorwa urumwo, umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranire mu Burundi, CVR, wanahawe igikorwa co gutohoza ku vyaba mu gihe c'ubukoroni.

Uwo mugwi ubu ufise ububasha bwo kwumviriza ivyabona ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu 1885, igihe haba inama y'i Berlin mu Budage aho ibihugu vya Buraya vygabangana Afrika.

Umwo mugwi uheruka guhabwa ubwo bubasha n'inama nshingamateka, ukaba mu bisanzwe wari urekuriwe gutohoza ku vyabaye kuva u Burundi bwikukira mu 1962.

BBC yavuganye n'umukuru wa CVR, Musenyeri Jean Louis Nahima asigura ico bagiye gukora.

Ushobora kwumviriza ico kiganiro ngaha