Abashika 2600 bafashwe ku nguvu ni bo bituye abaganga batagira imbibe i Kananga muri RD Congo

Umuntu yitwaje ibigwanisho muri RD Congo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibice 80% bavuga ko bafashwe ku nguvu n'abantu bitwaje ibigwanisho.

Abaganga batagira imbibe bavuga ko bavuye abantu bagera ku 2.600 bafashwe ku nguvu mu gisagara kimwe gusa kuva mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka uheze.

Ico gisagara ni Kananga co muri RD Congo - igihugu aho ugufata ku nguvu bibandanya gukoreshwa nk'ikigwanisho mu ntambara.

Ico gisagara kiri hagati mu ntara ya Kasai, imwe mu ntara zikenye cane muri RD Congo, hakaba haradutse intambara ishingiye ku bwoko mu ci ryo mu 2016.

Icegeranyo kiravuga ido n'ido y'ivyabashikiye bibabaje, harimwo umupfasoni yafatiwe ku nguvu iruhande y'ikiziga c'umugabo wiwe, umwana w'imyaka itanu yafashwe ku nguvu n'umusirikare hamwe n'umugabo yategetswe gufata ku nguvu umubanyi wiwe.

Mu bavuwe n'iryo shirahamwe rifasha abagowe, abarenga 150 bari musi y'imyaka 15, abandi n'imiburiburi 20 bari musi y'imyaka itanu.

Ibice 80% bavuga ko bafashwe ku nguvu n'abantu bitwaje ibigwanisho.

Ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu muri ako karere bikorwa n'inzego zijejwe umutekano hamwe n'imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho nka Kamuina Nsapu na Banu Mura nk'uko bivugwa na Onu.

Ibibazo bikomeye n'uko abafashwe ku nguvu baja kwa muganga haheze igihe kirekire vyarabaye, mu gihe baba bakeneye kuvurwa vyihuta kugira babakingire ingwara nk'umugera wa Sida.

Uretse ingaruka z''ubuvuzi no mu mutwe, abafashwe ku nguvu kandi barakumirwa aho basanzwe baba.