Uwahoze ari umukuru wa al-Shabab, Mukhtar Robow yemerewe kwitoza muri Somalia

Mukhtar Robow

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Mukhtar Robow ni umwe mubashinze umuhari wa al-Shabab

Uwahoze ari umukuru wa al-Shabab, Mukhtar Robow yemerewe kwitoza muri Somalia mu matora y'intara ategekanijwe muri uku kwezi.

Yavuye muri uwo muhari mu 2012 aca yishikana mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze.

Mukhtar Robow azwi kandi kw'izina rya Abu Mansoor, yari yabanje kwimwa uburenganzira bwo kwitoza na reta ya Somalia.

Ariko akanama kajejwe gutegura amatora i Baidoa ubu kamuhaye uburenganzira bwo kwitoreza kurongora intara yo mu bumanuko bushira uburengero bwa Somalia.

Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora muri ako karere yavuze ko afise uburenganzira bwo kwitoza kubera ari umunya Somalia.

N'umwe mubashinze umuhari wa al-Shabab akaba yigigiye ivya gisirikare muri al-Qaida mu gihugu ca Afghanistan.

Yabaye umwe mu bategetsi bakomeye b'abagwanyi ba al-Shabab yavuye muri uwo muhari, kubera ivyo yise kwutumvikana ku vyiyumviro.

Mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, bivuye ku nkuru z'uko yari mu biganiro na reta ya Somalia, Amerika yaramukuye ku rutonde rw'abitwaje iterabwoba baronderwa, aho bari bemereye imiliyoni zitanu umuntu wese yari kumufata.