Prezida Erdogan wa Turkia yagirije ku mugaragaro Arabia Saudite urupfu rwa Khashoggi

People attend a memorial for Jamal Khashoggi in Washington, 2 November Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ifoto ya Khashoggi ni yo yagaragara igihe bariko baramwibuka i Washington

Prezida wa Turkia Recep Tayyip Erdogan yagirije incuro ya mbere reta ya Arabia Saudite ku mugaragaro urupfu rw'umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi.

Yanditse mu kinyamakuru ca Washington Post ati:"Turazi ko itegeko ryo kwica Khashoggi ryavuye hejuru muri reta ya Arabia Saudite."

Ariko avuga ku bucuti Turkia ifitaniye na Arabia Saudite, yongeyeko ko atemeza ko ko umwami Salman abifisemwo uruhara.

Khashoggi yiciwe mu nzu nserukiragihugu i Istanbul itariki 2 z'ukwezi kw'icumi.

Abagira amatohoza muri Turkia bemeza ko uwo mumenyeshamakuru, yahora aba mu buhungiro, yishwe anizwe igihe yari agiye gutora impapuro zimuha uburenganzira bwo kwubakana n'umupfasoni wo muri Turkia.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibibazo biracahari ku vyabereye mu nzu y'ubuserukizi bwa Arabia Saudite itariki 2 mu kwezi kwa cumi

Ikiziga ciwe ntikigeze gitorwa kandi umuntu yegereye prezida Erdogan, Yasin Aktay, yavuze ko yemera ko cashizwe muri aside bamaze kuwuhimbagura.

Urwo rupfu, rwabanje guhishwa n'abategetsi ba Arabia Saudite, rwarateye icuka kibi hagati ya Arabia Saudite n'ibihugu bicuditse.

Arabia Saudite imaze guhagarika abantu 18 bavuga ko bazocirwa urubanza muri Arabia Saudite. Turkia ishaka ko bazanwa gucibwa urubanza muri muri ico gihugu.

Ibirori vyo kwibuka indwi zine ziheze uwo mumenyeshamakuru vyatunganijwe i Washington.

Erdogan yavuze iki?

Yanditse muri Washington Post, aho Khashoggi yahora yandika ati:"Turazi ko abamwishe bari muri abo 18 bapfungiwe muri Arabia Saudite."

"Turazi kandi ko baje gushira mu ngiro amategeko bahawe: Ica Khashoggi hanyuma muhave. Twatinze tumenya amategeko yo kwica Khashoggi yavuye hejuru muri reta ya Arabia Saudite."

Yanditse ko abagize uruhara muri urwo rupfu "ari benshi gusumba umugwi w'abajejwe umutekano", prezida Erdogan agahamagarira ko "Abateguye kwica Khashoggi" bamenyekana ku mugaragaro.

Yavuze ati:"Nta muntu azosubira gukora ikibi nk'ico mu gihugu kiri mu mw'ishirahamwe Onu. Mu gihe hoba uwubirengako, azokwibonera inkurikizi."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuganwa Mohammed yasavye Amerika ko ubucuti bafitaniye bwobandanya

Yidoze avuga ko ata ngingo n'imwe yafatiwe uwuserukira igihugu ca Arabia Saudite i Instanbul yamaze kuva muri Turkia, anagiriza umushikirizamanza wa Arabia Saudite ko yanse gukorana n'abariko baragira amatohoza "mu kwishura n'ibibazo bisanzwe".

Tuzi iki kuri urwo rupfu?

Arabia Saudite yaremeye ko Khashoggi yapfiriye mu nzu y'ubuserukizi bwayo, mu gihe bahakana ko batazi iyo ikiziga ciwe kiri.

Umushikirizamanza wa Turkia yavuze mu ntango z'iyi ndwi ko abagira amatohoza bemeza ko uwo mumenyeshamakuru yanizwe ubwo nyene acinjira mu nzu y'ubuserukizi bwa Arabia Saudite, mu bwicanyi bari bwarateguwe imbere.

Umushikirizamanza Irfan Fidan yavuze ati:"Ikiziga ciwe carahimbaguwe hanyuma barakizimanganya " nk'uko n'ubundi vyari vyarateguwe mbere".