Abanyororo bo mw'ibohero rya Beni batorotse muri RD Congo

Ifoto y'ibohero Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umumenyeshamakuru akorera i Beni yavuganye na BBC, avuga ko abanyororo barenga mirongo itatu batorotse.

Umushikirizamanza wa gisirikare mu ntara ya Nord-Kivu, ahagizwe ico gitero, Maj Kazadi Nzengu, yabwiye AFP ati:"Icicaro c'ubucamanza bwa gisirikare i Beni catewe n'aba Mai-Mai. Abanyororo benshi bagiye abandi baratoroka."

Umuvugizi wa gisirikare muri ako karere, Mak Hazukay na we avuga ati:"Twagwanye turabatutsa. Abanyororo bavuye mw'ibohero. Ni aba Mai-Mai baje gupfunguza ababo."

Abo bategetsi babiri nta co bavuze ku gitigiri nyaco c'abanyororo bari bapfungiwe muri iryo bohero, n'igitigiri c'abo rishobora kwakira.

Mu gisagara n'akarere ka Beni harakunze kugirwako ibitero vy'abantu bitwaje ibigwanisho bo mu bagwanyi bo muri Uganda ADF.

Ivyo bitero kandi vyagirizwa aba Mai-Mai hamwe n'imigwi y'abagwanyi ishingiye ku bwoko.