Soma ivyerekeye abagabo bakoresha imiti mu kwongereza ubunini bw'igitsina kugira biyemere

Abdul Hasan avuga ko iyo miti yo kwongereza ubunini bw'igitsina ituma yiyumva ko ari uwundi mugabo abushitse
Image caption Abdul Hasan avuga ko iyo miti yo kwongereza ubunini bw'igitsina ituma yiyumva ko ari uwundi mugabo abushitse

Inshinge zakozwe kugira zongereze ubunini bw'igitsina zirakunzwe cane n'aho hari ukugabisha ku ngaruka mbi zishobora gukurikira.

Abagabo babiri babwiye BBC igutuma ata soni bibatera guca muri iyo nzira.

Abdul Hasan w'imyaka 27, ariteza izo nshinge kenshi zo gutuma igitsina ciwe kiba kinini bigatuma aboneka neza.

Ubu yatanguye gukora ivyo kugira kabe nk'agashimwe azogirira umugenzi wiwe w'umwigeme.

Amaranye imyaka umunani n'uwo mukobwa ariko aracibaza nimba azomushimisha bahuje igitsina.

Igihe ca nyuma yakoresheje izo nshinge, umukunzi wiwe w'umwigeme ngo yararyohewe ijana kw'ijana, nk'uko uwo mugabo akoresha umuti mu kuvyimbisha igitsina ciwe yabivugiye mu kiganiro ca Victoria Derbyshire kuri BBC.

Yongeyeko ati: "Nibajije ko ata muntu wundi ashobora kubabara kubero ivyo, hari impamvu nyinshi zituma nkoresha ubwo buryo."

Imiti yo kwongereza ubunini bw'igitsina ni urusukirane rwa aside batera hakoreshejwe urushinge batera musi y'igitsina.

Ntibikenera kubanza kubagwa kugira ico gikorwa kibe, kuko gishobora kuba mu masaha make kwa muganga ku ma Euro 3000 rimwe gusa.

Uwo muti wakozwe kugira wongereze ubunini bw'igitsina, umuhungu agaragare neza.

Mu bisanzwe hiyongerako isantimetero imwe canke zibiri, ariko kandi bivana n'umuti baguteye ingene ungana.

Umuntu awutewe rimwe ushobora kumara amezi 18, kandi iyo miti ifise amategeko make bijanye.

Asif Muneer wo mw'ishirahamwe ry'abaganga babaga ahaca umukoyo mu Bwongereza, avuga ko adashobora guhanura abantu gukora ivyo.

Ivyo bikorwa ahanini mu kwongereza ubunini bw'igitsina ariko ntivyongereza uburebure, aho rero ntibiheza ngo bifashe mu guhuza ibitsina.

Muneer avuga ko hari benshi bipfuza kumenya ingene iyo miti ikora inyuma yo kubona abantu rurangiranwa berekana ingene bibagisha ku mbuga ngurukanabumenyi.

'Nta kintu co guhisha'

Image caption Umuntu awutewe rimwe ushobora kumara amezi 18.

Ku ruhande rwiwe, Abdul avuga ko kutagira imibonano mpuzabitsina ari vyo vyatumye ashaka ko bamuha miligarama 10 z'uwo muti.

Igitsina ciwe gifise ubunini n'uburebure bikwiye ariko avuga ko yaravye abandi bagabo uko bameze bariko batambuka batambaye mu nzu yo kwinonora imitsi.

Avuga ko incuro ya mbere yakoresheje uwo muti wo kwongereza ubunini bw'igitsina, vyatumye yiyemera cane n'aho yari afise ubwoba bw'ingaruka zavyo.

Yavuze ati: "Igihe nakoresha uwo muti, naciye ntangura kwiyemera. Nta co nasubiye kunyegeza."

Uwo mugabo yavuze kandi ko inyuma y'imisi myinshi yiyumva neza ari mu kibanza gikoraniyemwo abantu benshi.

Yavuze ati: "Narahindutse, ubu mbonye ahakoraniye abantu sintinya kubajamwo."

Amakompanyi abiri akomeye akora imiti mu Bwongereza, yihweza ivyerekeye guhuza ibitsina, yabwiye ikiganiro ca Victoria Derbyshire kuri BBC ko hiyongereye ubushakashatsi ku nshinge zituma igitsina kiba kinini.

Ubu hari ubushakashatsi bwinshi buharurwa nko ku 700 buri kwezi ugereranije n'imyaka itanu iheze, aho ivyo biharuro vyari bike cane mu mezi cumi.

Image caption Asif Muneer wo mw'ishirahamwe ry'abaganga babaga ahaca umukoyo mu Bwongereza, avuga ko adashobora guhanura abantu gukora ivyo.

Muneer kandi avuga ko hari abagabo bitera inshinge bonyene kugira baronke igitsina kinini bakoresheje amavuta asanzwe nka vaseline, bakaba batazi ingaruka zavyo.

Benshi baraja kwa muganga ariko inyuma y'imisi mike baraza kwivuza ingaruka mbi zito zito ziba zashitse.

Umugabo umwe w'imyaka 36, Stuart, yibaza ko abagabo bose bashobora kuronka igitsina kinini babishatse.

Avuga ati: "Sinibaza ko nkeneye gukoresha umuti n'aho nipfuza kwiyemera gusumba."

Image caption Stuart aranezerezwa no kwongereza ubunini bw'igitsina ciwe

"Nari kunezerwa cane iyo igitsina canje caba ari kinini gusumba."

Stuart yarashimye uko kuntu igitsina kigirwa kinini utarinze kubagwa inyuma yo kubona itangazo ryo kumenyekanisha ryerekeye uwo muti.

Ivyo abantu bemera ku gitsina kinini

Ubushakashatsi bwakozwe mu 2015 muri kaminuza imwe yo mu gisagara ca Londres, bwibanze ku bunini n'ubuebure bw'ibitsina vy'abagabo barenga 15.000 kw'isi yose.

Mu bisanzwe igitsina gitegerezwa kugira isantimetero 13 mu gihe cahagurutse neza.

Ni ibice 5 gusa kw'ijana vy'abagabo bari bafise igitsina kirenza santimetero 16.002, mu gihe ibice 0.14% bari bafise igitsina gito cane gusumba uko bisanzwe, n'ukuvuga centimetero 7.6.

Ufatiye ku bunini na ho, mu bisanzwe igitsina kiba gifise umuzunguruko wa santimetero 9 kitarahaguruka, kimaze guhaguruka na ho kigira santimetero 11.6.

Stuart yaciye afata ingingo yo kwiteza milimetero 15 z'umuti, ari na co gipimo ca nyuma umuntu ashobora guterwa kwa muganga.

Image caption Umugenzi wa Stuart ntiyagishijwe inama ku ngingo yo kwongereza ubunini bw'igitsina ciwe.

Umukunzi wa Stuart avuga ko afise ubwoba ko ico gitsina kizohava kiba kinini cane.

Stuart yavuze ati: "Ndanezerewe cane kuko ndabona ko cabaye kinini."

Abdul we yavuye kuri santimetero 10 aja kuri 11.5.

Umuganga ahanura abagabo kurindira indwi zine imbere yo gukora imibonano mpuzabitsina ku neza yabo, ivyo Abdul akaba avyubahiriza.

Iyo miti bashobora kuyikuramwo, igitsina kigasubira kungana uko cahora ariko urinze kuriha ayandi mahera.

Ibindi bisa n’ibi