Umugabo aturuka muri Hollande yipfuza kugabanya imyaka afise ngo areshe neza inkumi

Ikimenyetso ca Tinder Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Ratelband azi ko guhindura imyaka bizogwiza amahirwe yo kurehereza kuri Tinder

Umugabo aturuka mu gihugu ca Hollande yatanguje urubanza rwo guhinduza imyaka yiwe ngo ashobore kuresha neza inkumi.

Emile Ratelband w'imyaka 69, yipfuza guhindura umunsi yavukiyeko wo kw'itariki 11 ukwezi kwa gatatu 1949 uje ku tariki 11 ukwezi kwa gatatu 1969, nka kurya umuntu ahindura ukwo yiyumva ku bijanye n'igitsina.

"Tuba mu bihe aho ushobora guhindura izina ryawe hamwe n'igitsina. Kubera iki ntokwihitiramwo imyaka yanje?" niko yavuze.

Sentare ya Arnhem, igisagara kiri mu buseruko bwa Hollande, itegekanya kwihweza urwo rubanza mu ndwi zine.

Ubutegetsi bufise amadidane kur'urwo rubanza mu gihe busanga ata nzira iriho iciye mu mategeko yotuma umuntu ahindura imyaka, niko ibinyamakuru vyo muri ako gace bivuga.

Umwe mu bacamanza yipfuza kumenya amaherezo y'imyaka 20 Bwana Ratelband yipfuza guhanagura.

"Abavyeyi bawe barera nde ico gihe? Ako gahungu gato k'ico gihe gaca kaba nde?" niko ngo yavuze.

'Ratelband yipfuza kwiyorohereza ubuzima'

Bwana Ratelband avuga ko yumva umengo arakumiriwe kubera imyaka afise, ko bigira ingaruka igihe arondera akazi, ko bigabanya n'amahigwe iyo ariko araresha ku mbuga hwaniro ya Tinder.

"Iyo mfise imyaka 69, hari ivyo ntashikako. Iyo mfise 49, ico gihe nshobora kugura inzu nshasha, nkaronka imodoka nshasha. Nshobora no kuronka ubuzi bwinshi," niko yavuze.

"Iyo ndi ku mbuga hwaniro ya Tinder mfise imyaka 69, ntawunyishura. Igihe nzoba mfise 49, n'uku kuntu nsa, nzoba mfise amahirwe menshi."

Bwana Ratelband avuga ko abaganga bamubwiye ko afise umubiri w'imyaka 45, bakamwita "imana nto".

Yagiye kuri Facebook mu mwaka uheze asigura ingene yafashe iyo ngingo ahejeje kwiraba mu kiyo, ataruko atinya gusaza, ariko yipfuza kuryohegwa igihe kirekire mu buzima.

Avuga ko azoheba integekanirizo yiwe y'izabukuru ni yahindura iyo myaka.

Bwana Ratelband ni umuntu azwi cane mu bigo vy'itangazamakuru, yinjiye mw'idini ry'aba bouddhistes mu ntango z'uno mwaka, akaba yigisha ku bijanye na "programmation neuro-linguistique".

Ibindi bisa n’ibi