Umugambwe FNL Amizero y'Abarundi wa Agathon Rwasa ntiwemejwe n'ubutegetsi bwa Bujumbura

Agathon Rwasa (ifoto yo mu kwezi kw'icenda 2018)
Image caption Agathon Rwasa yavuze mu kwezi kw'icenda ko naho bivugwa ko mu Burundi hari imigambwe myinshi ko hagaragara umugambwe umwe gusa (CNDD FDD)

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu c'u Burundi bwavuze ko budashobora kwemera umugambwe FNL Amizero y'Abarundi bitewe nuko udakwije ibisabwa n'amategeko.

Ivyo vyamenyeshejwe mu nyishu iri mw'ikete ryarungikiwe uwurongoye uwo mugambwe nyene, Agathon Rwasa.

Mw'ikete BBC Gahuzamiryango yabonye, ubwo bushikiranganji bubwira Rwasa bwishura ku kete uwo munyapolitike yari yanditse asaba ko umugambwe wiwe wokwemezwa.

Ikete rigira riti "Tumaze gusuzuma neza dosiye, twasanze ko ibimenyetso n'icivugo vy'umugambwe wawe urondera kwemegwa bisa n'ivy'uwundi mugambwe umaze kwemegwa.

"Nta mugambwe n'umwe wa politike ushobora gufata izina, icivugo canke ibimenyetso bisa n'ivy'uwundi mugambwe".

Image caption Abitabiye ibirori vyo gutanguza umugambwe mushasha bashika 500 bavuye mu mihingo yose y'u Burundi

Mu kwezi kw'icenda guheze, umushingantahe Agathon Rwasa niho yatanguza icese umugambwe FNL Amizero y'Abarundi avuga ko uharanira ubwigenge.

Yawushikirije inyuma y'inama rukokoma yagiranye n'abamufasha kuwutanguza bagera ku 500 bava mu mihingo yose y'igihugu.

Ibindi bisa n’ibi