Prezida wa Amerika Donald Trump yitezwe kugirana ibiganiro na Macron w'Ubufaransa

Donald Trump na Emmanuel Macron bari mu biganiro i Paris Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Donald Trump na Emmanuel Macron bari mu biganiro i Paris

Ku munsi wahariwe ukwibuka ihagarikwa ry'imishamirano igihe c'ingwano ya mbere y'isi yose, Prezida wa Amerika Donald Trump yitezwe kugirana ibiganiro na mugenziwe w'Ubufaransa, yidogeye amajambo Perezida Emmanuel Macron yashikirije.

Abo bakuru b'ibihugu ukwo ari bibiri bitezwe kuganira ku kibazo ca Irani, ku ndyane ziri mu gihugu ca Siriya na Yemeni, ku kibazo c'ihindagurika ry'ibihe no ku budandaji.

Umunsi umwe imbere y'uwo mubonano, Bwana Trump yaridogeye Perezida Macron ku majambo yavuze ko umuryango w'ibihugu vya Buraya ukwiye gushira igisirikare hamwe ngo ushobore kwirinda ubwoba bwotegwa na Amerika, Ubushinwa hamwe n'Uburusiya.

Bwana Trump avuga ko ayo majambo "atukana cane" ku butumwa bwumvikanamwo agashavu yacishije kuri Twitter.

Abakuru b'ibihugu bashika 70 nibo bitavye ivyo birori vy'i Paris vyo kwibuka igihe ingwano ya mbere y'isi yose yahagarara, inyuma y'amasezerano amaze imyaka 100 yateweko igikumu itariki 11 ukwezi kwa 11 mu 2018.

Macron yavuze iki?

Perezida Macron aheruka kugabisha abanyaburaya ko batoguma bizeye Amerika mu kwikingira, akaba yasubiye gushikiriza ayo majambo ku munsi wa kabiri agiye gutembera i Verdum ikibanza cagwaniwemwo.

"Dutegerezwa twebwe twenyene kwikingira ku bijanye n'Ubushinwa, Uburusiya ndetse na Leta Zunze ubumwe za Amerika," niko yavugiye kuri radiyo y'igifaransa Europe1.

"Ni nde yokwibasigwa? Uburaya n'umutekano wayo. Nipfuza kugirana n'Uburusiya - igihugu c'iburaya nsonera - ibiganiro nyakuri vy'umutekano, ariko turakeneye ko Uburaya bushobora kwikingira butarinze kwizera Leta Zunze ubumwe za Amerika."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu 2016 umunyamabanga mukuru wa Otan, Jens Stoltenberg, yavuze ko adakeneye imishamirano n'Uburusiya

Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin ari mu bakuru b'ibihugu bitezwe muri ivyo birori bibera ku mugwa mukuru Paris.

Ku munsi wa gatanu mw'ijoro Perezida Trump yarasubije avuga ati: "Perezida Macron w'Ubufaransa yasavye ko Uburaya bwitunganiriza igisirikare mu ntumbero yo kwikingira ku bijanye na Leta Zunze ubumwe za Amerika, Ubushinwa n'Uburusiya. Yaratukanye cane, ahubwo Uburaya bwari bukwiye kubanza kuriha amahera busabwa guterera muri OTAN, Amerika itangamwo amahera menshi!"

Bwana Macron yaradugije amahera aja mu gisata c'igisirikare kugira ngo yubahirize ibisabwa n'ishirahamwe ry'ukwaniriza hamwe umwansi OTAN.