Turukiya yahererekanije n'ibihugu birimwo Amerika amajwi yafashwe ku rupfu rwa Jamal Khashoggi

Jamal Khashoggi Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Jamal Khashoggi (ifoto yafotowe mu mwaka wa 2004) yandika nk'uwigenga mu kinyamkuru The Washington Post co muri Amerika

Igihugu ca Turukiya cavuze ko cahererekanije n'ibihugu vya Amerika, Ubwongereza hamwe na Arabie Saoudite amajwi y'iyicwa ry'umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi.

Umukuru w'igihugu ca Turukiya Recep Tayyip Erdogan yasubiye kuvuga ko Arabie Saoudite izi uwishe Khashoggi.

Khashoggi, yanegura abategetsi ba Saudi, yiciwe mu biro vy'ubuserukizi bwa Arabie Saoudite vy'i Istanbul itariki 2 z'ukwezi kw'icumi.

Arabie Saoudite yaremeye ko ariho yiciwe, ariko irahakana ko ingoma iri ku butegetsi ibifisemwo uruhara.

Ubwa mbere ico gihugu cavuga ko uwo munyamakuru yavuye mw'ubwo buserukizi adora.

Aba Saudi baranse kwemera n'amajambo bivugwa ko yasohowe n'igikomangoma Mohammed bin Salman, avuga ko Khashoggi ari umu Isilamu ateye ubwoba.

Igihugu ca Turukiya ntikirigera cagiriza Arabie Saoudite ku mugaragaro ku bijanye n'ubwo bwicanyi.

"Twatanze ayo majwi, twayahaye Arabie Saoudite, twayahaye Washington, abadagi, abafaransa, abongereza," niko Perezida Erdogan yavuze mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure ku wa gatandatu.

"Bumvirije ibiganiro vyabaye, barabizi", niko yavuze.

Nta kindi gihugu kiremeza ko cumvise ivyo biganiro.

Jamal Khashoggi yari muntu ki?

Yaramaze imyaka mirongo acuditse n'umuryango wa cami wo muri Arabie Saoudite, yongera aba umuhanuzi wa leta.

Munyuma yahavuye atumvikana n'uwo muryango aca ahungira muri Amerika mu mwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu ntango Arabie Saoudite yarahakanye ibivugwa kw'igikomangoma Mohammed bin Salman yoba afise uruhara mw'iyicwa rya Bwana Khashoggi

Yarandikiyeyo amakuru yo gurtyoza igikomangoma ca Arabie Saoudite yacishije mu kinyamakuru Washington Post, avuga ku bijanye na politike yiwe.

Ahamagara ku murongo wa telefone umukwe wa Perezida Donald Trump, Jared Kushner hamwe n'umuhanuzi w'igihugu mu vy'umutekano John Bolton, igikomangoma Mohammed yavuze ko Khashoggi ari umuyoboke w'umugwi Muslim Brotherhood, nkuko Washington Post kivuga.

Ico kiganiro co kuri telefone cabaye itariki 9 ukwezi kwa cumi, indwi imwe Khashoggi yabuzwe irengero.

Bivugwa ko igikomangoma Mohamed yasavye ashimitse ibiro White House, gushira imbere ubucuti bwa Amerika na Arabie Saoudite.

Ibindi bisa n’ibi