Umushikirizamanza wa Saudi avugako iyicwa rya Jamal Khashoggi ryategetswe n'umukozi wo mw'iperereza

Jamal Khashoggi (ifoto yafotowe mu mwaka wa 2004) Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Jamal Khashoggi (ifoto yafotowe mu mwaka wa 2004) yandika nk'uwigenga mu kinyamkuru The Washington Post co muri Amerika

Umushikirizamanza wo mu gihugu ca Arabie Saoudite yavuze ko iyicwa ry'umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi ryategetswe n'umukozi wo mw'iperereza, ngo si igikomangoma Mohammed bin Salman.

Uwo mukozi yari yahawe akazi ko kugondoza uwo mumenyeshamakuru ngo asubire mu gihugu, nkuko umuvugizi yamenyesheje.

Khashoggi yatewe urushinge rw'ubumara inyuma yo gutana mu mitwe ku buserukizi bw'igihugu buri Istanbul itariki 2 Ukwezi kw'icumi, niko yongeyeko avuga.

Uwo mushikirizamanza yegetse ivyaha vy'urwo rupfu ku bantu 11, akaba ariko araronderera igihano co gupfa kuri batanu muribo.

Imanza zabo zashikirijwe sentare mu gihe amatohoza ku bandi bantu cumi bikekwa abandanya.

Mu nama n'abamenyeshamakuru i Riyadh ku munsi wa kane, icegera c'umushikirizamanza Shalaan bin Rajih Shalaan yavuze ko ikiziga ca Khashoggi cagegenywemwo ibihimba mu nyubakwa y'ubuserukizi ahejeje kwicwa.

Ivyo bihimba vy'umubiri ngo vyaciye bihabwa umuntu akorana n'ubuserukizi, niko yavuze.

Igicapo c'uwo muntu caratanzwe kugira ngo abakora amatohoza babandanye kurondera ibisigarira vy'uwo mumenyeshamakuru.

Bwana Shalaan ntiyigeze atanga amazina y'abo bantu begetsweko ubwo bwicanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Saudi bavuga ko igikomangoma Mohammed Bin Salman yarazi ivy'urwo rupfu

Uwo mushikirizamanza yavuze ko amatohoza amaze "kwerekana ko umuntu yategetse urupfu ariwe yararongoye umugwi ushinzwe ibiganiro", yari yarungitswe Istanbul n'icegera c'umukuru w'iperereza Jenerali Ahmed al-Assiri ngo agondoze Khashoggi gusubira muri Arabie Saoudite, avuye aho yahungiye muri Amerika.

"[Igikomangoma] nta kintu na kimwe kizi kuri ivyo," niko yavuze ashimitse.

Igikomangoma Mohammed, umuhungu w'umwami Salman, ari nawe arongoye Arabie Saoudite, yarahakanye kugira uruhara mu co yise "urupfu rugayitse rudashobora kuronka insiguro".

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Saudi bavuga ko bidashoboka ngo ntabe atarazi ivy'ubwo bwicanyi.

Benshi ku bantu 21 bafashwe kubera ubwo bwicanyi bari mu bacungera umutekano wiwe muri kahise.

Jenerali Assiri hamwe n'uwundi muhanuzi wo hejuru, Saud al-Qahtani, barakuwe nabo nyene mu kazi kubera ivyashitse.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko "uruhusha rwo kwica Khashoggi rwavuye ku ngazi zo hejuru za leta ya Saudi" ariko ko atemera ko umwami Salman yoba ariwe yarutanze.