Umuntu afashe imiti yo kuziriranirwa ku mubiri kuva ku biyoba arakira

Uyu mudamu ariko arafungura ibiyoba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyashitsweko mu cigwa ngo ni bishasha kandi bizotuma abana bafise kuziriranirwa n'ibiyoba bakingirwa niyo boba bashikiwe n'iyo ngorane

Ni inkuru nziza ku bavyeyi bafise abana baziriranirwa ku biyoba, bahora bitwararika cane ivyo bagaburira abana babo baraba ko ata biyoba birimwo.

Ivyigwa vyerekana ko umuntu afise ukuziriranirwa kuva ku kurya ibiyoba, ashobora kuvurwa afashe imiti.

Ivyo vyigwa vyakozwe ku bantu bashika hafi amajana atanu, bafise imyaka iri hagati y'4 na 17, badashobora kwihanganira ibifungurwa birimwo ibiyoba gushika kuri cumi kw'ijana.

Ariko ngo inyuma yo gufata iyo miti ku rugero rutoya cane umwaka wose, bibiri vya gatatu vy'abo bantu ubu bashobora gufungura udufuko tubiri tw'ibiyoba ntihagire ingorane bagira.

Emily Pratt w'imyaka 6 yabwiye BBC ko atashobora guhimbaza umunsi mukuru w'amavuko mu kwiha umutsima benshi bazi nka ''cake'' mu congereza, ariko ubu ngo arabishobora.

Umubiri wiwe uramwemerera gufungura ibiyoba 7, bisigura ko umubiri wiwe ushobora kumwerera gufungura ibifungurwa birimwo ibiyoba.

Kwitondera ibifungurwa

Sophia nyina wa Emily aba mu buraruko bwa Londres avuga camubereye ikibazo kinini.

Agira ati: ''Twarashavuzwa no kubona mu mfungurwa nka zose haba harimwo ibiyoba n'ibindi bifungurwa bimeze nka vyo, na cane cane mu bifungurwa bigenewe abana nk'umutsima benshi bazi nka ''cake", ibisuguti, n'ibindi bifungurwa vyo kurigata usanga abana bakunda, kandi vyaradutera ikibazo.

''Twategerezwa kumenya ko mu bifungurwa dutegurira Emily ata biyoba vyaba birimwo''.

Emily yaraziranirwa cane kuko naho yaba yariye udutete dukeya tw'ibiyoba yarababara cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Richard Levine
Image caption Gukurikirana abana bafise umubiri uziriranirwa n'ibiyoba ni ikibazo kigora abavyeyi kuko bisaba ko bitonda cane ivyo bafungura bitagiramwo ibiyoba.

Uwakoze ico cigwa bise "Palisade Study" casohotse mu kinyamakuru c'ibijanye n'amagara y'abantu, New England Journal of Medicine, ni George du Toit.

Asanzwe ari umwigisha muri kaminuza akongera akaba n'umuganga ku bitaro vy'abana, Evelina London Children's Hospital.

Ivyashitsweko muri ico cigwa ngo ni bishasha kandi bizotuma abana bafise kuziriranirwa n'ibiyoba bakingirwa niyo boba bashikiwe n'iyo ngorane.

Abana bafise umubiri uziriranirwa n'ibiyoba mu Bwongereza bigwije na kabiri muri iyi myaka mirongo ibiri iheze.

Gukurikirana abana bafise umubiri uziriranirwa n'ibiyoba ni ikibazo kigora abavyeyi kuko bisaba ko bitonda cane mu kuraba ko ivyo bafungurira abana bitagiramwo ibiyoba.

Ivyashitsweko n'ico cigwa rero bisa n'ibije gukurako izo ngorane zifiswe n'abo bavyeyi.