Nedim Yasar: Yahoze ari umubandi ruhashwa yarashwe ahejeje gusohora igitabo

Nedim Yasar, uwahoze ari mu mugwi w'amabandi yishwe arashwe umunsi umwe imbere y'uko asohora igitabo ku buzima bwiwe bw'ubugizi bwa nabi, itariki 03/02/2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nedim Yasar yahindutse umuhanuzi w'urwaruka nyuma yo kuva mu buzima bw'ubugizi bwa nabi

Umugabo wo muri Danemark yahoze ari umukuru w'amabandi agasohora igitabo kivuga ku buzima bw'ikibandi yavuyemwo yarashwe arapfa hasigaye umunsi ngo igitabo kije ababona

Nedim Yasar w'imyaka 31, yatewe avuye kwamamaza ico gitabo ku wa mbere ku murwa mukuru wa Danemark, Copenhagen. Igipolisi kivuga ko uwamurashe yaciye ahunga n'amaguru.

Yasar yaciye ajanwa kwa muganga ariko aca ahitanwa n'ibikomere. Igitabo ciwe ciswe Roots (imizi mu kirundi) casohowe ku wa kabiri.

Igipolisi c'i Copenhagen kivuga ko muri ukwo kuraswa kwabaye ku wa mbere, kukaza kuvugwa isaka 19:30 ku masaha y'ico gihugu, uwukekwa yambaye impuzu zirabura yarashe Yasar "n'imiburiburi inshuro zibiri".

Urwandiko rw'igipolisi rwongerako yuko itohoza rimaze gutangura, kandi igipolisi casavye "ivyabona" gutanga umuco ku vyabaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ikibanza yarasiwemwo nyuma y'umuahango wo kwamamaza igitabo i Copenhagen

Yasar yavukiye muri Turkiya aza kuba muri Danemark afise imyaka ine, akaba yarabaye umukuru w'umugwi w'amabandi w'i Copenhagen witwa Los Guerreros, igipolisi kikavuga ko ari umugwi ukomeye uri mu rudandazwa rw'ibiyovyabwenge.

Ikinyamakuru co muri Danemark citwa Ritzau kivuga ko yavuye muri uwo mugwi mu 2012 aja gukora mu mugambi werekeye kwikura mu buzima bubi, amaze kumenya ko agire abe umuvyeyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitabo ca Yasar citwa Roots: A Gangster's Way Out (Imizi: Inzira Yo Gukira y'Umubandi) casohotse ku wa kabiri

Yaciye akora akazi ko guhanura abakiri bato, anaba rurangiranwa mu kiganiro co kw'iradiyo yitwa Radio24syv.

Urupfu rwa Yasar rumaze kumenyekana, iyo radiyo yashize ifoto ku rubuga hwaniro twitter yerekana inyubakwa yayo hamwe n'ibendera rya Danemark ridugije gushika hagati, n'ubutumwa bugira buti: "Igire amahoro Nedim Yasar, kandi turagushimiye kuri vyose."

Igitabo ca Yasar citwa Roots: A Gangster's Way Out (Imizi: Inzira Yo Gukira y'Umubandi), canditswe na Marie-Louise Toksvig, kikavuga ku rugendo rwa Yasar n'ivyo yakoze kugira ave mu bizima bw'ubugizi bwa nabi.

Ibindi bisa n’ibi