Umukandida atavuga rumwe na leta Vital Kamerhe yemeje ko azoshigikira Felix Tshisekede mu mataro ya Prezida wa Kongo

Vital Kamerhe (i bubamfu) na Felix Tshisekedi (i buryo) bahoberana nyuma yo kwemeza gushigikirana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vilta Kamerhe (i bubamfu) yiyemeje fufata mu mugongo (Felix Tshisekedi)

Abakandida babiri bakomeye mu batavuga rumwe na leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo batangaje ko biyunze mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza.

Nyuma y'umubonano bagiriye muri Kenya, Vital Kamerhe yavuze ko azoshigikira Felix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi yaryamiye ukw'abagabo nyuma y'imyaka myinshi atavuga rumwe na leta.

Abo bagabo babiri bari barumvikanye gushigikira umukandi Martin Fayulu, mu kugerageza gutsinda umugabo yashizwe imbere n'umugambwe uri ku butegetsi, Emmanuel Ramazani Shadari.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko kunanirwa kw'abatavuga rumwe na leta mu kwumvikana ku mukanida umwe, bizoha ingoga umugambwe uri ku butegetsi.

Umukuru w'igihugu Joseph Kabila vyitezwe ko atanga imihoho nyuma y'imyaka hafi cumi n'umunani ku butegetsi.