Prezida Robert Mugabe yahoze ayobora Zimbabwe 'ntagishobora gutambuka'

Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwahoze ari prezida wa Zimbabwe Robert Mugabe yaragiye gutora mu kwezi kw'indwi ari kumwe n'umupfasoni wiwe Grace (i bubamfu)

Prezida Mnangagwa yavuze ko uwahoze ayobora Zimbabwe, Mugabe w'imyaka 94 ntagishobora gutambuka kubera amagara amukitse.

Yongeyeko ko Mugabe ariko aravurirwa muri Singapuru ingwara itamenyeshejwe ubu haraciye amezi abiri.

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu kandi yaragize ingendo nyinshi zo kwivuza muri ico gihugu mu misi ya nyuma y'ubutegetsi bwiwe.

Mnangagwa yabaye umukuru w'igihugu haraciye umwaka inyuma y'aho Mugabe akuriwe ku butegetsi n'igisirikare.

Gushika ico gihe, Mugabe yari amaze ku butegetsi imyaka 37, ubwa mbere ari umushikiranganji wa mbere, hanyuma aba umukuru w'igihugu.

Ni we yari arongoye umuhari waharanira ukwishira n'ukwizana kwa Zimbabwe yatwarwa n'abazungu bari ku rushi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Emmerson Mnangagwa yabwiye abayoboke biwe ko uwo yasubiriye ashobora gutahuka mu ndwi iza

Prezida Mnangagwa yariko arashikiriza ijambo abamushigikiye mu karere uwo yasubiriye avukamwo aho yavuga ivyerekeye amagara ya Mugabe.

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ryamusubiyemwo avuga ati:"Ubu arashaje. Muvyo ukuri ntagishoboye gutambuka, ico cose azosaba tuzogitanga."

Igihe Mugabe yari ku butegetsi, abategetsi bavuga ko yariko aravurwa amaso, bahakana inkuru zavuga ko agwaye kansere.

Uretse kudashobora gutambuka, Mnangagwa yavuze ko uwo yahoze arongoye Zimbabwe ameze neza kandi ko ashobora gutahuka mu ndwi iza.

Nk'uko AFP ivyandika, prezida yongeyeko ko "Turiko turamwitaho. Ni we muvyeyi yashinze iki gihugu ca Zimbabwe. Ni we muvyeyi yazanye ukwishira n'ukwizana kwa Zimbabwe."

Reta ni yo ivuza Mugabe.

Inyuma yo kumusubirira mu mwaka uheze, Mnangagwa yaratsinze amatora yagiyemwo impari nyinshi mu kwezi kw'indwi.

Ibindi bisa n’ibi