Mourinho avuga ko Manchester United yabuze ishaka mu rukino banganijemwo na Crystal Palace 0-0

Manchester United v Crystal Palace Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Crystal Palace yaratsinzwe incuro 11 baherutse gukinira ku kibuga ca Old Trafford

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yagirije abakinyi biwe "kudashiramwo ishaka rikwiye" inyuma yo kunganya ubusa ku bundi na Crystal Palace.

Mu ntango y'ico yise ihiganwa ridasanzwe mu nkino umunani zitegekanijwe gushika mu mpera za 2018, United bakinye urukino rwiza n'umugwi uriko uragwana ngo ntumanuke mu cicaro ca kabiri.

Yavuze ati:"Mutegerezwa gukinana ubwenge n'umutima, n'ibaza rero ko hatagiyemwo ishaka rikwiye."

"Ntitwashizemwo inguvu zikwiye ku bwanje bijanye n'ubwenge bwanyu, n'umutima wanyu. Hariho inkino usanga ari nkino zidasanzwe, uri rwari urukino rudasanzwe.

"Rwari urukino rwa mbere mu munani zo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza gushika mu mbera z'ukwezi kwa cumi na kabiri, kandi rwari urukino twari dukeneye gutsinda, urumva nta shaka rikwiye ryagiyemwo."

United imaze gutsinda inkino zitatu gusa kw'icenda imaze gukinira ku kibuga cayo ca Old Trafford uyu mwaka.

Romelu Lukaku yarakoze uko ashoboye birananirana, hakaba hari n'uwundi mukinyi Wayne Hennessey yagaruye imipira myinshi yankira Jesse Lingard kwinjiza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zaha yarateye ingorane United kandi uwo mukinyi yahoze abakinira yateye mw'igoli incuro zine zose - incuro nyinshi gusumba bagenzi we bose bakinana

Ariko Palace itarantsinda na rimwe mu nkino indwi ziheze, ikaba irusha inota rimwe imigwi itatu ya nyuma, yararonse uburyo bwinshi bwo kwinjiza mu gihe bariko baragerageza gutsindira kuri ico kibuga ca Old Tafford ubwa mbere kuva mu 1989.

Patrick van Aanholt yarahatswe kwinjiza incuro zibiri zose.