Igipolisi ca Uganda kimenyesha ko abantu barenga 30 bapfiriye mw'isanganya ry'ubwato mu kiyaga Victoria

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu barenga 30 bapfiriye mw'isanganya ry'ubwato mu kiyaga Victoria muri Uganda

Igipolisi ca Uganda kivuga ko abantu barenga 30 bapfuye bivuye kw'isanganya ry'ubwato ryabereye mu kiyaga Victoria.

Ibikorwa vyo gutabara birabandanya ariko icegera c'umukuru w'igipolisi ahagarariye ivyo bikorwa avuga ko ata cizere kihari ko hashobora gutorwa abagihema.

Avuga ko ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 90 bagiye mw'izinga rimwe ryo muri ico kiyaga Victoria.

Civuga ko abamaze kumenyekana ko barokotse ari 26.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu bagiye mu misi mikuru, bwagiriye isanganya mu karere gato ka Mpatta mu ntara ya Mukono.

Umuganwa David Wasajja, mwenewabo n'umwami wa Buganda Kabaka Ronald Mutebi na we yari muri ubwo bwato ariko we yarokotse.

Image caption Abantu baje kuraba ivyabaye bari ku nkengera y'ikiyaga Victoria