Abagore 100: Umupfasoni afata ingingo ko abagabo bazana umugore wa kabiri

Nenney Shushaidah Uwufise ububasha kw’isanamu Joshua Paul for the BBC

Itegeko rya Islam rizwi kw'izina rya Sharia, rirakunda kunebagurwa kubera ibihano n'uburemere rifise.

Ariko umwe mu bapfasoni wa mbere wo muri sentare nkuru ya Sharia yavuze ko akazi kiwe kamuha akaryo ko gukingira abapfasoni muri ico gihugu cinganjemwo aba Islam.

Umucamanza Nenney Shushaidah aca imanza zirenga zitanu buri musi, akaba ashobora kumviriza n'izirenga 80 buri ndwi.

Ukwifashisha Sharia bigenda birongerekana muri Malasia. Muri ico gihugu hemewe amategeko abiri, ibihumbi n'ibihumbi vy'aba Islam bakoresha iryo tegeko mu gutorera inyishu amatati yo mu miryango.

Abatari aba Islam basabwa gukurikiza ayandi mategeko asanzwe araba amatati nkayo.

Malaysia ikurikiza Islayo mu gihe ca none ariko abagishikimiye kuri Islam ya kera bagenda biyongera.

Abaharanira agateka ka zina muntu barababajwe n'ikubitwa ry'abagore babiri bagirijwe gushaka gukora imibonano mpuzabitsina n'abo bagisangiye, kandi ko itegeko rya Sharia rikunze gukoreshwa ukutariko.

Umucamanza Shushaidah aca imanza ku bintu vyose kuva kuzerekeye ubutunzi gushika no kuzigengwa na Sharia .

Uwufise ububasha kw’isanamu Joshua Paul for the BBC
Image caption Malaysia n'igihugu ciganjemwo aba Islam benshi

Ariko ubuhinga bwiwe abukoresha ku bana bapfunzwe hamwe n'imanza zo guharika - Islam iha uburenganzira abagabo kwubana n'abagore bane, ivyo bikaba birekuwe muri Malaysia.

Umucamanza Shushaidah avuga ko hari ibintu vyinshi yisunga nk'akarorero imbere y'uko yemerera umugabo kuzana abagore benshi.

Asigura ati:"Urubanza rwo rufise uko rumeze kandi rutandukanye n'urundi. Ntushobora gufatira muri rusangi Islam ngo uvuge ko irekurira abagabo gufata nabi abagore ... nshaka guhindura uko kuntu bavyishizemwo ukutariko."

Uwufise ububasha kw’isanamu Joshua Paul for the BBC
Image caption 'Iyi kanzu inyibutsa amabanga aremereye ajanye n'ukuba umucamanza wa Sharia'

Abashaka bose kuzana abandi bagore basabwa kwitaba muri sentare imbere y'umucamanza Shushaidah.

Avuga ati:"Nshaka kubumviriza bose, atari abagabo gusa. Nashatse kuza ndavugana n'abapfasoni kugira numve ko na bo babishigikiye. Birakenewe ko bavyumvikanako kubera, mbonye ikimenyetso na kimwe cerekana ibindi, nta ruhusha ntanga.

"Ndi umupfasoni kandi ndategera ko benshi mu bapfasoni bashobora kudashigikira ico ciyumviro. Ariko Islam irabirekura, kandi sentare zo muri Malaysia zarashizeho amategeko azigenga.

"Umugabo ategerezwa kuba afise imvo zumvikana zo kugira azane uwundi mupfasoni."

"Ategerezwa kwerekana ko azoguma atunze neza umugore wa mbere co kimwe n'abo bandi bagore azanye mu nyuma. Ntarekuriwe kwirengagize ivyo umwe wese akeneye."

Umucamanza Shushaidah yongeyeko ko bamwe mu bapfasoni bashobora gushigikira ico ciyumviro.

Nk'akarorero yibukije urubanza rwarimwo umupfasoni agwaye cane atagishobora kwitaho abana.

"Yarakunda umugabo wiwe hanyuma ansaba ko noreka umugabo wiwe akaza umugoe wa kabiri. Narabimwemereye."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Critics and rights groups argue Sharia is often used to discriminate

Sharia n'iki?

  • Sharia n'ishimikiro ry'idini rya Islam, iri mw'ikorowani, igitabo ceranda ca Islam; harimwo amajambo n'ingendo y'intumwa Mohammad; na Fatwas, ingingo z'incabwenge z'aba Islam.
  • Mu Malaysia, irishimikizwa ku nzego zitandukanye mu ntara zose zigize ico gihugu.

Umupfasoni Shushaidah aravuganira idini ryiwe ku mategeko rifise akazi avuga ko rishobora kutagira aho ryegamiye.

Ariko barinebagura hamwe n'abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko kenshi Shari ikoreshwa nabi.

BBC 100 Women n'iki?

BBC 100 Women itanga amazina 100 y'abapfasoni bamenyekanye cane kandi b'intangarugero mw'isi buri mwaka ikanabasangiza inkuru ziberekeye.

Wabaye umwaka waranzwe n'agateka k'abapfasoni hirya no hino kwisi, ku buryo umwaka wa 2018 kuri BBC 100 Women yerekana ingene abapfasoni berekanye umuhamagaro, ukunegura hamwe n'ishavu kugira habe impinduka kw'isi babako.

Dusange kuri Facebook, Instagram na Twitter ukoreshe #100Women