Abagore 137 nibo bicwa n'abo bagendana ku munsi kw'isi yose

Image caption Ugereranije abagore 137 nibo bicwa ku munsi kw'isi n'abo bagendana canke n'imiryango

Ugereranije abagore 137 nibo bicwa ku munsi n'abo bagendana canke n'abo mu muryango, nkuko bivugwa mu vyegeranyo vy'igisata ca ONU kigwanya ibiyovyabwenge n'ubwicanyi, "United Nations Office on Drugs and Crime" (UNODC).

Bivugwa ko bituma "muhira kiba ikibanza umugore akunze kwicirwamwo".

Abarenga igice kuri 87000 bishwe mu 2017, bivugwa ko baguye mu maboko y'abo basanganywe.

Kuri ico gitigiri, hafi 30000 bishwe n'abakunzi, 20000 bicwa n'incuti.

Ikiganiro "BBC Abagore 100" cashatse kumenya vyinshi ku bagore bishwe bavugwa muri ivyo bitigiri.

Twamaze ukwezi kw'icumi dusuzuma ivyegeranyo vy'ubwicanyi bushingiye ku gitsina bwakorewe abagore, ku munsi wa mbere w'ukwo kwezi.

Hano munsi turabasangiza inkuru zijanye n'ubwo bwicanyi.

Benshi mu bagore bapfuye bishwe n'abagabo

Mu vyegeranyo vyakusanijwe na UNODC vyibonekeza ko "abagabo bafise uruhara incuro zine kurusha abagore muri ubwo bwicanyi bukogwa ku gushaka".

ONU ivuga ko abagabo bavugwa mu bwicanyi umunani kuri 10 kw'isi.

Ivuga kandi ko umunani kw'icumi y'abicwa ari abagore.

"Ubwicanyi buturuka ku bakundanda buguma bugwira bwibasira abagore," niko icegeranyo kivuga.

Abagore 47 mu bihugu 21 barishwe ku munsi

Twarakurikiranye amakuru yatanzwe n'ibinyamakuru ku bagore bishwe n'uwundi muntu itariki 1 Ukwezi kw'icumi mu 2018 kw'isi.

Abahinga bacu bo mu ntara baharuye abagore 47 bishwe, bishingiye ku gitsina, mu bihugu 21. Bwinshi muri ubwo bwicanyi buri mw'itohoza.

Ngubu butanu muri ubwo bwicanyi bwashizwe ahabona n'ibinyamakuru, bwemezwa n'ubutegetsi bwaganiriye na BBC.

Uwufise ububasha kw’isanamu Family handout
Image caption Judith Chesang

Judith Chesang, 22, Kenya

Ku munsi wa mbere itariki 1 z'Ukw'icumi, Judith Chesang n'uwo bavukana Nancy bari mu murima w'ingano.

Judith, afise abana batatu, yaheruka kwahukana n'umugabo, Laban Kamuren, aca afata ingingo yo kuja kubana n'abavyeyi mu kigwati co mu buraruko bw'igihugu.

Haheze umwanya abo bigeme batanguye igikogwa barimwo, umugabo bavanye yaciye ashika mu murima yica Judith.

Igipolisi co muri ako karere kivuga ko yahavuye munyuma yicwa n'abanyagihugu.

Mu bicwa benshi ni abagore bo ku mugabane wa Afrika

Umugabane wa Afrika niwo uriko abagore babangamiwe bashobora kwicwa n'abakunzi canke abo mu muryango, nkuko bivugwa mu cegeranyo ca ONU.

Hashika impfu 3.1 ku bantu 100000.

Aziya niwo mugabane urimwo igitigiri kinini c'abagore (20000) bishwe n'abo bakundana canke abo mu muryango ku matohoza yakozwe mu 2017.

Uwufise ububasha kw’isanamu Manohar Shewale
Image caption Neha Chaudhary

Neha Sharad Chaudury, 18, aturuka mu Buhindi

Neha Sharad Chaudury yishwe ahogwa agateka kiwe mw'isabukuru ry'imyaka 18. Yariko ayigina ari kumwe n'umuhungu bakundana, abavyeyi bakaba batari bashigikiye urwo rukundo.

Abavyeyi biwe hamwe n'umugabo umwe wo mu muryango nibo begetsweko ubwo bwicanyi.

Amatohoza aracabandanya, abo bantu batatu bakaba bari mw'ibohero.

BBC iherutse kumenya ko uwunganira abavyeyi ba Neha n'uwo mugabo wundi mu rubanza, bariko barondera guhakana ivyo baregwa.

Abagore baharugwa mu majana baricwa ku mwaka mu kuba bakundanye canke bubakanye n'abadashigikiwe n'imiryango yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Private via Amnesty International
Image caption Zeinab Sekaanvand

Zeinab Sekaanvan, 24, aturuka mu gihugu ca Irani

Zeinab Sekaanvan yishwe n'ubutegetsi bwa Irani ahogwa kwica umugabo wiwe.

Zeinab yavukiye mu buraruko bushira uburengero bwa Irani mu muryango ukenye w'aba Curdes, ugendera ku vyiyumviro vy'abakera.

Yahunze ageze mu bigero, aja kurongogwa yipfuza kugira ubuzima bwiza kurusha.

Amnistie Internationale ivuga ko umugabo wiwe yamufata nabi yanka no kwemera ko bahukana, igipolisi caranse guha agaciro ivyo yisiguje.

Yafashwe yagirizwa kwica umugabo wiwe, afise imyaka 17.

Abamushigikiye barimwo Amnistie, bavuga ko yahohotewe ngo yemere ko yishe umugabo, arakubitwa n'igipolisi, ntiyaciribwa urubanza ukwo bikwiye.

Mu cegeranyo ca UNODC bivugwa ko abagore bica abakunzi babo bakunze "kumara igihe kirekire bicwa rubozo".

Ku rundi ruhande insiguro zitangwa n'abagabo bakoze ubwicanyi zirimwo "ukurondera kugumya uwo babana, ishari hamwe n'ubwoba bwo gutabwa", niko bivugwa mu cegeranyo.

Ibintu nka mwenivyo nivyo vyashikiye abandi bantu babiri bari bamaranye igihe kirekire babana, batowe bapfuye mu gihugu ca Brésil, umunsi Zeinab yicwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reproduction / Facebook
Image caption Sandra Lucia Hammer Moura

Sandra Lucia Hammer Moura, 39, aturuka mu gihugu ca Brésil

Sandra Lucia Hammer Moura, yubakanye na Augusto Aguiar Ribeiro ku myaka 16.

Abo bantu babiri bari bamaze amezi atanu bavanye, igihe uwo mugabo yamwica.

Igipolisi c'ahitwa Jardim Taquari cemeje ayo makuru muri BBC ya Brésil, ko yacumiswe imbugita kw'izosi.

Batoye videwo y'umugabo yemera kuri telefone yiwe ko yakoze ubwo bwicanyi.

Muri iyo videwo, yavuga ko Sandra yarasigaye agendana n'uwundi mugabo, yumva ko yahemukiwe.

Yongeye avuga ko atakizomukurikirana mu gihe bose ukwo ari babiri "bazojana mu bwami bw'umukama".

Munyuma yahavuye yiyahurira mu cumba baryamamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu PHOTOPQR/LE PROGRES/Photo Jean-Pierre BALFIN
Image caption Marie-Amélie Vaillat

Marie-Amélie Vaillat, 36, aturuka mu Bufaransa

Marie-Amélie yaracumiswe n'umugabo, Sébastien Vaillat, gushika apfe.

Uwo muryango wari wavanye umaze imyaka ine ukoze ubugeni.

Yamwicishije imbugita munyuma aja kwirega mu gipolisi.

Inyuma y'iminsi mike, basanze yiyishe mw'ibohero.

Imbere y'imangazini y'impuzu ya Marie-Amélie Vaillat iri kw'ibarabara Rue Bichat, ababa muri ako gace barazanye amashugwe baje kumusezera.

Urupfu rwa Marie-Amélie rwashitse umunsi umwe n'igihe leta y'Ubufaransa imenyeshereje ko yashinze imigambi mishasha yo kugwanya ubwicanyi bwo mu nzu.

Uwufise ububasha kw’isanamu PHOTOPQR/LE PROGRES/Photo Jean-Pierre BALFIN
Image caption Abazanye amashugwe guha icubahiro ca nyuma Marie-Amélie Vaillat

Ni igiki cotuma ubwicanyi bukoregwa abagore bushigwa ahabona?

Kugira ngo BBC ishobore kwegeranya ano makuru, abamenyeshamakuru n'abashakashatsi ba BBC Monitoring baravye amashusho ya televiziyo, amakuru y'amaradiyo, ayandikwa mu binyamakuru hamwe n'ayashigwa ku mbuga ngurukanabumenyi na hwaniro kw'isi, baraba ivyegeranyo vy'abagore bishwe ku mvo zishingiye ku gitsina kw'itariki 1 Ukwezi kw'icumi mu 2018.

Basanze hari ivyegeranyo 47 vy'abagore bishwe kuri uwo munsi umwe kw'isi yose.

Henshi imvo ntizisobanutse canke abakora ubwicanyi ntibamenyekane.

Mu cegeranyo gishasha ca UNODC bivugwa ko ubwicanyi bwinshi bukoregwa abagore " budashigwa ahabona n'ubutegetsi, ko niyo bukozwe bukunze kunyegezwa".

Rebecca Skippage, ari nawe yararongoye ubwo bushakashatsi bwa BBC Monitoring, yavuze ko iruhande y'ivyo bitigiri "uburyo ibinyamakuru bishikiriza ivy'ubuzima canke urupfu, bihishura ukuntu abagore bafatwa mu kibano kw'isi".

Asigura agira ati: "Twaraba impfu zabaye ku munsi, ariko amakuru ajanye n'izo mpfu twayarondeye ukwezi kwose. Twasanze hahera igihe kinini ngo ayo makuru ashikirizwe, ijwi bivugigwako n'ingene amakuru avyerekeye adasohoka cane, bituma usanga ico kibazo c'abagore bicwa kigwiriye ku rugero runini."

Maryam Azwer akora muri BBC Monitoring, akaba yarakusanije ivyegeranyo vya nyuma.

"Bino bijanye ahanini n'impfu zitavugwa kurusha izishigwa ahabona," niko avuga.

"Hari impfu zitigeze zishika mu binyamakuru, zitigeze zishigwa ahabona, zitigeze zihinyuzwa canke zitigeze canke zidashobora gutohozwako. Uca wibaza uti: ni igiki cotuma ubwicanyi bukorewe umugore buhambara kugira ngo bushobore gushigwa ahabona?"

Ibindi bisa n’ibi