Umugore yabuze ubutinyanka ageze ku myaka 30, asanga imvyaro zaracitse

Nicole Evans n'umugabo wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Nicole Evans
Image caption Nicole reflects on her experience with premature menopause since she was diagnosed more than ten years ago.

Nicole Evans yarasuzumwe asanga ububasha bwo gushobora kurondoka bwaramuhagaranye ageze ku myaka 30. Evans yanditse muri BBC Abagore 100, aravuga ingene ukudashobora kuvyara vyamuhungabanije n'ingene yiyumvise ahejeje gusuzumwa.

Hari haciye imyaka ubutinyanka butaza ku bwinshi, ariko igihe ndabibwiriye abavuzi mu gihugu canje ca Nouvelle Zélande, bansiguriye ko bituruka ku binini (pilules) naza ndafata.

Igihe ukwezi kurangiriye nkabona singiye mu butinyanka, nagiye kuraba muganga nezerewe nzi ko nasamye imbanyi.

Nari maze umwaka nubatse urwanje, kandi twama tuvugana n'umugabo ivyo kurondera umwana.

Ico gihe bapima baraba ko nibungenze, basanze atarivyo.

Umuganga yaciye ampima amaraso munyuma ansaba kugaruka uwundi munsi, aho yambwiye ko urugero rw'imisemburo y'umubiri ("hormones") wanje rutameze neza.

Naciye ndungikwa kuraba umuhinga w'ama "hormones" asanga naciye imvyaro imbere y'igihe.

Sinibaza ukuntu udusaho tw'amagi ("ovaires") tutashobora kuba tugikora kuri iyo myaka, naguye mu gahundwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Nicole Evans
Image caption Nicole umunsi w'ubugeni

Nibaza ko abahinga bakwiye kuja baraburira abantu ku bijanye no gushobora canke kudashobora kuvyara.

Igihe bivugwa ko ubushobozi bw'umugore bwo kuvyara burangira inyuma y'imyaka 50, biroroshe kutamenya ko hashobora kwaduka ingorane imbere y'ico gihe.

Sinarinzi ko ubushobozi bwo kurondoka bw'umugore butangura kugabanuka ku myaka 30.

Twafashe ingingo yo gukoresha uburyo bwo guhuriza amagi hanze "in vitro fertilization", inyuma yaho umugenzi yemeye kuduha igi ryiwe.

Twari dufise icizere tuzi ko turonse inyishu y'ikibazo cacu ariko navyo nyene ntivyakunda.

Inyuma y'umwaka uwundi mugenzi yaremeye kudufasha, ariko ngumana amakenga menshi.

Twagerageje kabiri ubwo buryo ariko biranka ko imbanyi ifata, munyuma tubura uburyo n'inguvu zo kugerageza ubugira gatatu.

Sinashobora kwiyumvira kurondera umwana wo kurera.

Ico ciyumviro camvuyemwo igihe ijoro rimwe mpuye n'umugenzi afise uruyoya aheruka kwibaruka, iciyumviro co kurondera uwo ndera caciye kigenda.

Ménopause ni iki?

Ménopause ni igihe umugore ageramwo, agatangura kutaja mu butinyanka.

Imbere yuko ico gihe ca Ménopause gishika, ubutinyanka buragabanuka ku mezi canke imyaka.

Ibindi bimenyetso ni kwumva ubushuhe, ukudatekanigwa mu mirimo, ukumeneka umutwe, ukutipfuza kurangura amabanga mpuzabitsina, agashavu no kudatora itiro.

Ménopause ishika hagati y'imyaka 45 na 55.

Umwe ku bagore 100 bari munsi y'imyaka 40 niwe aca imvyaro hataragera.

Uwufise ububasha kw’isanamu Nicole Evans
Image caption Nicole n'umugabo baragerageje kurondera umwana biranka

Bisa naho abaganga benshi batazi ibijanye no guca imvyaro igihe kitaragera.

Naravuganye n'abagore benshi bavuga ko ubutinyanka bwabo butakiza ku gihe, iyo babishikirije abaganga, babasaba kuja kwitura abahinga.

Kuva igihe batoye ko "ménopause" yanyinjiranye naciye ntangura kuja ku miti yo guhindura "hormones".

Ndashima iyo miti kuko naho ngeze mu myaka 40 biragoye kuvuga ko wafashwe n'ivyo bihe vyo gushuha, vyo kutiyumba neza, hamwe n'agapfungu ko mu mutwe kazanwa na "ménopause".

Usanga bigoye kuvuga ibintu nka mwenivyo.

Kutama ugura ibikoresho vy'isuku kira kwezi bifise akarusho, ariko vyamfashe igihe ngo menye iciza cavyo.

Kubona ububasha bwo gushobora kurondonka bumpagarana giturumbuka vyarambabaje, ariko vyatumye menya ko umunezero nya munezero uri mu kugira amagara meza, mu buto n'uko vyose vyama bigenda neza.

Ivyo twaciyemwo vy'ubugumba vyaradukozeko, bituma dutangura ubuzima bushasha, ariko biradukomeza umwumwe ku giti ciwe na ka muryango.

Vyaduhaye ivyigwa, bituma twiga kwirengera, twiyumvira imihezagiro twaronse, bituma twitaho abandi no guhangana n'ubuzima twiyuguruye.

Dushobora kuba tudafise vyose, ariko turafise ivyo dukeneye vyose.

Ibindi bisa n’ibi