Umwe mu banye Ukraine bafatiwe mu kiyaga kuwa Mungu agiye gupfungwa amezi abiri

Amato y'ingwano atatu ya Ukraine yafashwe n'Uburusiya kuwa Mungu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muri imwe mu mavideo, umugabo yivuga ko ari umukapitene mu gisirikare kirwanira mu mazi, avuga ko yemera ko amato ya Ukraine yariko arigenza mu buryo bugaragara ko ari ubusotoranyi

Sentare mu karere ka Crimea yategetse ko umwe mu banye Ukraine bafatiwe mu kiyaga ku munsi wa Mungu apfungwa ikiringo c'amezi abiri.

Abasirikare barenga mirongo ibiri na babiri barafashwe igihe abasirikare b'Uburusiya bafata amato atatu hafi ya Crimea, icibare ca Ukraine cigaruriwe n'Uburusiya mu 2014.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yahamagariye impande zombi kwihangana bakigumya kugira ibintu ntivyunyuke.

Urwego rw'Uburusiya rujejwe umutekano wo hagati mu gihugu, FSB, rwasohoye ivyo ruvuga ko ari ukwemera icaha kw'abanye Ukraine bafashwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwuserukiye Ukraine muri ONU, Volodymyr Yelchenko, yashikirije aho igihugu ciwe gihagaze muri iki kibazo

Muri imwe mu mavideo, umugabo yivuga ko ari umukapitene mu gisirikare kirwanira mu mazi, avuga ko yemera ko amato ya Ukraine yariko arigenza mu buryo bugaragara ko ari ubusotoranyi.

Mu yindi video, uwujejwe iperereza w'umunye Ukraine avuga ko amato yinjiye mu karere k'amazi k'Uburusiya.

Uburyo ivyo bivugwa ko ari ukwemera icaha vyafashwe muri video ntibiramenyekana.

Ibindi bisa n’ibi