Guardiola avuga ko Lyon ari "umwe mu migwi ikomeye cane" inyuma yo kunganya 2-2 mu Bufaransa

Sergio Aguero yinjiza igitsindo ca kabiri ca City Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Sergio Aguero yagumye yinjiza mu nkino zitandatu za nyuma za Champions League yakinyemwo

Umumenyereza Pep Guardiola yavuze ko Lyon ari "umwe mu migwi ikomeye cane" Manchester City imaze gutana mu mitwe inyuma yo kunganya 2-2 mu Bufaransa.

Lyon yagiye imbere kabiri mu gice ca kabiri imbere yuko City inganya 2-2, iba ironse itike ryo kuja mu migwi 16 ya nyuma.

Uwo mugwi wo mu Bufaransa warakoresheje nabi uturyo waronse two kwinjiza imbere yuko Maxwel Cornet asatiriye ava mu mfuruka y'ikibuga, yinjiza igitsindo catumye uja imbere mu ntango y'igice ca kabiri.

Umukinyi w'inyuma Aymeric Laporte yahavuye yinjiza n'umutwe igitsindo co kunganisha ariko Cornet munyuma yinjiza ikindi catumye Lyon uca uja mu kibanza ca mbere mu muce F.

Ntivyatevye, Sergio Aguero yaciye yinjiza n'umutwe igitsindo ca kabiri haheze iminota ibiri, bituma City iguma mu kibanza ca mbere.

"Turaryohewe cane," niko Guardiola yavuze.

"Umugwi urakwiye gushimigwa cane.

"Twakinye n'umwe mu migwi ikomeye uravye iyo twari tumaze guhura. Bafise inguvu nyinshi, bagaruka neza.

"Twagiye tuvyuka inyuma ya 1-0 na 2-1, none tugeze mu bihe vya nyuma. Ivyo nivyo twashaka gushikako.

"Ubu dukeneye inota rimwe ngo tuva muri rino jonjora ryo mu mice, birakenewe ko tuharengana."

Kubera iki igitsindo ca Aguero co kunganisha gihambaye kuri City?

Naho City itari kuronka iryo nota. umugwi wa Guardiola wogiye mu gice c'umunani ubwa gatandatu yikurikiranya, inyuma yaho Shakhtar Donetsk bari kumwe mu muce itsindiye Hoffenheim 3-2.

Mu gihe City yonganya mu rukino rwa nyuma ihura n'umugwi w'Ubudagi umaze gusezera, yobandanya ari iya mbere mu muce.

Irangije ari iya mbere bisigura ko City itazohura mu rukino ruzokurikira n'uwundi mugwi wabaye uwa mbere mu mice, mu gihe Real Madrid, Bayern Munich na Juventus ari iya mbere mu mice irimwo.

Lyon isa naho ariwo mugwi uzobandanya inyuma ya City, kiretse ikipe bagiye guhura mu rukino rwa nyuma, Shakhtar, itsinze.

Umugwi Lyon wo mu Bufaransa ukeneye inota rimwe ngo ushobore kubandanya.

Ukwo iyo migwi ihagaze mu manota mu muce F

Image caption Uko imigwi ihagaze mu muce F mw'ihiganwa rya Champions League

Ibindi bisa n’ibi