Umuganga yabaze 'yasomye' yishe umuvyeyi n'umwana mu Buhindi

Ifoto yerekana abagore bibungenze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuvyeyi n'umwana bapfuye haheze amasaha umuganga ahejeje kubaga

Igipolisi cabwiye BBC ko umuganga wo mu ntara ya Gujarat mu burengero bw'Ubuhindi yafashwe n'igipolisi inyuma yaho abagiye umugore aje kwibaruka "yasomye akarenza urugero".

Inyuma y'ico gikorwa co kuvyaza umuntu abanje kubagwa (césarienne), basanze umwana yapfuye, umuvyeyi nawe acikana haheze umwanya muto.

Igipolisi kivuga ko casuzumye uwo muganga gikoresheje igipimo bahumekeramwo, gisanga uwo mugabo yari aborewe.

Kiriko kirakora itohoza ryo kumenya kw'izo mpfu zoba zatewe n'ugusamara canke ko zishingiye ku mvo z'amagara.

Dr PJ Lakhani ni umuganga wo ku rwego rwo hejuru afise ubuzobere, amaze imyaka 15 akora mu bitaro vya leta vy'i Sonavala.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abaganga bariko bavura abagore mu Buhindi

Umuvyeyi Kamini Chachi, yari yazanywe ku bitaro ku munsi wa mbere ku mugoroba afise ububabare butewe n'imbanyi.

Ikinyamakuru co muri ako gace cavuze ko umuryango wari urindiriye hanze wabwiwe ko umwana yacikanye, mu gihe nyina nawe yariko aravirarana.

Kibandanya kivuga ko umuryango wafashe ingingo yo kumujana ku bitaro vy'abigenga ariko apfira mu nzira.

Igipolisi kandi cabwiye BBC ko Dr Lakhani yagihamagaye asaba ngo kimufashe afise ubwoba ko umuryango w'uwo mugore wohava umugirira nabi wumvise ivy'izo mpfu.

"Twasanze aborewe igihe dushikiye munyuma turamufata," niko umupolisi HR Goswami yavuze.

Ibitaro vyagenye umugwi ugiye gutohoza icatumye izo mpfu.

Ibindi bisa n’ibi