Imishamirano ya Ukraine n'Uburusiya yatumye Poroshenko asaba irungikwa ry'ubwato bw'intambara bwa Otan

A Ukrainian soldier mans the machine-gun of a vessel on the Azov Sea on November 28, 2018 in Mariupol, Ukraine Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ingabo za Ukraine ziragavye ku kivuko ca Mariupol kiri ku kiyaga ca Azov

Prezida wa Ukraine Petro Poroshenko yasavye Otan kurungika amato y'intambara mu kiyaga ca Azov inyuma y'aho bashamiraniye n'Uburusiya.

Yabwiye ikinyamakuru co mu Budagi Bild ko yizeye ko amato ashobora kungururizwa ahandi "mu ntumbero yo gufasha Ukraine no gucungera umutekano".

Ku musi w'Imana, Uburusiya bwararashe ku mato atatu ya Ukraine, bufata ababurimwo i Kerch Strait hagati y'ikiyaga cirabura na Azov.

Otan yaremeye "gushigikira" Ukraine, igihugu kitari no muri iryo shirahamwe.

Mu gihe imigenderanire y'ivyo bihugu iguma itituka, prezida w'Uburusiya Vladimir Putin yagirije Poroshenko gusotorana mu mazi kugira yiyongerereze amahigwe yo gutsinda mu matora ategekanijwe mu 2019.

Prezida Poroshenko yashizeho amategeko nk'ayo mu ntambara mu turere turi ku rubibe rwa Ukraine y'imisi 30 kubera iyo mishamirano.

Poroshenko avuga iki?

Mu kiganiro na Bild, Poroshenko yavuze ko Vladimir Putin ata kindi ashaka "atari kwigarurira ikiyaga ca Azov".

Yavuze ati:"Ubudagi ni kimwe mu bihugu bigenzi kandi tukaba twiteze ko ibihugu bigize Otan ubu vyiteguye kwimurira amato y'intambara mu kiyaga ca Azov kugira afashe Ukraine no gucungera umutekano."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Poroshenko ariko aragendura ingabo mu rugendo yagize i Chernihiv mu buraruko bwa Ukraine

"Ntidushobora kwemera politike y'agasomborotso y'Uburusiya. Ubwa mbere yari Crimee, hanyuma ubuseruko bwa Ukraine, ubu na ho ashaka ikiyaga ca Azov. N'Ubudagi bukwiye kwibaza: N'ikihe kindi kintu Putin azoca akora mu nyuma tutamuhagaritse?"

Ku musi wa mbere, umukuru wa Otan Jens Stoltenberg yahamagariye Uburusiya kurekura amato ya Ukraine n'ababurimwo aca yongerako ko Uburusiya bwokwihweza neza "inkurikizi y'ivyo bukora."

Yavuze ko urwo runani rubandanya gutanga "imfashanyo za politike n'ubushobozi" kuri Ukraine, igihugu c'incuti y'ibihugu bigize Otan.

Otan nta co rishura ku vyo Poroshenko yashikirije.

Vyagenze gute muri Crimee?

N'imiburiburi abadereva b'ubwato batatu ba Ukraine barakomeretse igihe abacungera imbibe b'uburusiya FSB barasa ku bwato bubiri bwa Ukraine bwitwaje inkoho, hamwe n'ubwato bukwega ubundi mu nkengera za Crimee.

Iryo zinga ryonkowe ku gihugu ca Ukraine mu 2014, ryigarurigwa n'Uburusiya inyuma y'aho.

Image caption Ikarata yerekana inzira amato ya Ukraine acamwo

Ibindi bisa n’ibi