Mu nama iriko irabera muri Kenya yo kugwanya plastike bazanye amazi mu macupa ya plastike

Amacupa y'amazi ya plastike

Abateguye inama yiswe Blue Economy (ubutunzi bw'ubururu) yabereye i Nairobi muri Kenya babwiye BBC ko yagenze neza, ariko bemera ko bakoze ikosa rikomeye mu gukoresha amacuba ya plastike akoreshwa rimwe gusa.

Macharia Kamau yavuze ko kubuza amacupa ya plastike ko yinjira ahariko harabera inama kari kuba akaryo keza ko kwerekana ko intambara yo gutuza plastike yatanguye, ko rero kwabaye ukwibagira.

Umumenyeshamakuru wa BBC Mayeni Jones yari muri iyo nama yavuze ko ibihugu vya Norvège na Canada vyiyemeje gutanga imiliyoni amajana n'amajana vy'amadolari mu ntumbero yo gusukura ahari amazi, gukingira ibiyaga no kugabanya ubwononyi bw'ibidukikije.

Ibihugu bito bito harimwo Antiga n'izinga rya Bahamas vyasavye ko ibikoresho vya plastike hamwe n'amasashe vyoba bitakivugwa mu myaka ibiri iri imbere.