Igipolisi kivuga ko umushikiranganji wa mberewa Isirayeli, Netanyahu akwiye gukurikiranwa ku biturire?

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu (i buryo) n'umupfasoni wiwe Sara (ifoto ya kera) Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benjamin Netanyahu (i buryo) n'umupfasoni wiwe Sara bikekwa gufasha ishirahamwe ry'itumanako bidaciye mu mategeko firm

Igipolisi ca Isirayeli casavye ko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu hamwe n'umupfasoni wiwe Sara bakurikiranwa kubera magendo hamwe n'ibiturire.

Bikekwa kuba borohereje ishirahamwe ry'itumanako Bezeq, naryo rigasabwa gushikiriza amakuru meza yerekeye uwo muryango.

Bwana Netanyahu yahakanye ivyo avugwako mu kizwi nk'urubanza nomero 4000.

Umushikirizamanza mukuru wa Isirayeli agiye kwihweza niba yoshira ivyo birego mu rubanza.

Mu kwezi kwa Kabiri, igipolisi cari casavye ko Bwana Netanyahu akurikiranwa ku yindi mitahe ibiri y'ibiturire.

Bino birego vya nyuma bimeze gute?

Ku munsi wa Mungu, igipolisi ca Isirayeli hamwe n'urwego rukurikirana amatungo y'abanyagihugu muri Isirayeli bavuze ko hari ivyemezo bikwiye vy'ibiturire, magendo hamwe n'uguhemuka vyoja kuri Bwana Netanyahu n'umupfasoni wiwe.

Igipolisi kivuga ko gifise n'ivyemezo bikwiye vyo gufata umugabo afise umutahe munini muri Bezeq, Shaul Elovitch, vyo gutanga igiturire.

Yishura ku bijanye n'ivyo birego, Bwana Netanyahu yarungitse ubutumwa kuri Twitter agira ati: "Ivyo twahanuye vyabaye kandi bishigwa ahabona imbere yuko itohoza ritangura.

"Muri runo rubanza, ndazi neza ko ababijejwe ni bihweza ico kibazo, bazoshika kuvyo natwe tuvuga: ko ata kintu kiriho kuberako ata kiriho nyene."

Bwana Elovitch ntaco arashikiriza ku bijanye n'urwo rubanza.

Ibindi bisa n’ibi