Icigwa cahishuye ko "abakuze batitwararika amagara yabo"

Umuntu anywa itabi n'inzoga Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Umuntu anywa itabi n'inzoga

Ubushakashatsi buheruka gukogwa mu gihugu c'Ubwongereza bwerekana ko abantu bakuze batitwararika amagara yabo, bigatuma bashira ubuzima bwabo mu kaga.

Ico cigwa casohowe n'ikigo co mu Bwongereza "Health Survey for England", cerekana ko abantu 9 kuri 10 bafise nimiburiburi ikintu kimwe cemeza ko badafise amagara meza.

Abatumura agatabi bakanywa ingero zirenze 14 z'inzoga, barya ivyamwa n'imboga bidakwiye, ugasanga baravyibushe kurenza urugero (obèse) canke ugasanga badakora ikarashishi.

Muri ico cigwa cakozwe ku mwaka, abantu bakuze 8000 hamwe n'abana 2000 nibo babajijwe ku bijanye n'ingene babayeho.

Ico cegeranyo carashize ahabona ko abana bafise abavyeyi bavyibushe kurenza urugero (obèse), bashobora nabo nyene kuvyibuha bakarenza urugero, ubagereranije n'abana abavyeyi babo bafise ibiro bigereranye.

Ibice 28% vy'abana ba nyina bafise ibiro birenze urugero, wasanga nabo nyene bavyibushe cane, ubagereranije n'ibice 8% vy'abana ba nyina batavyibushe ngo barenze urugero.

Hagataho ibice 24% vy'abana ba se bavyibushe bakarenza urugero, wasanga nabo nyene ari ukwo, ubagereranije n'ibice 9% vy'abana ba se batavyibushe ngo barenze urugero.

Ibindi bisa n’ibi