Australia yasavye ikigongwe umumenyeshamakuru yahowe kwambara "atikwije"

Patricia Karvelas Uwufise ububasha kw’isanamu @PatsKarvelas
Image caption Patricia Karvelas yarungitse kuri Twitter ifoto y'impuzu yari yambaye

Leta y'igihugu ca Australia yasavye ikigongwe umwigeme w'umumenyeshamakuru yasohowe mu nama nshingamateka ahogwa "kutikizwa" mu kwambara.

Patricia Karvelas, ashikiriza amakuru kuri "ABC News", yavuze ko yasabwe kuva mu bikorwa vy'inama nshingamateka ku munsi wa Mbere kubera ko yerekanye "cane umubiri wiwe".

Ivyo vyatumye abahurira ku mbuga hwaniro bahaguruka, abantu benshi batangura gutunga agatoki abashingamateka bigeze kuba bambaye mwene uko muri kahise.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Christopher Pyne yagaragaje akababaro kiwe ku vyashitse.

Ari mu nama nshingamateka ku munsi wa kabiri yagize ati: "Nipfuza gusaba ikigongwe Madamu Karvelas ku izina ry'inama nshingamateka mu kuba yarirukanywe ejo mu bikorwa vy'itangazamakuru."

Umuvugizi w'inama nshingamateka Tony Smith yavuze ko uwo mumenyeshamakuru yari yambaye "impuzu y'akazi", asigura ko yategetse ko amategeko ajanye n'inyambaro mu nama nshingamateka yosibirwamwo kubera ivyabaye.

Yabandanije agira ati: "Ntivyari bikwiye ko asabwa gusohoka."

Madamu Karvelas yashimye "ingene vyarangiye" kuri Twitter.

Yanditse ati: "Ndanezerejwe nuko abigeme b'abamenyeshamakuru bagiye kwambara ibijanye n'umwuga bakora, vyerekana n'ingene abanyapolitike bambara."

Ku munsi wa mbere, uwo mwigeme yasiguye ko hari umutu w'"urupfasoni" yari mu nama yamujeko igihe c'ibibazo n'abanyepolitike, avuga ko impuzu ziwe "zerekana cane ukuboko" ko "akwiye kugufuka kurusha".

Madamu Karvelas yaranse ivyo asabwe, yemeza ko impuzu yambaye ijanye n'ibisabwa mu nama nshingamateka.

Uravye ibiri ku mbuga ngurukanabumenyi y'inama nshingamateka ya Australia, ibisabwa ukwo umuntu yambara biva "ku muntu", ariko umukuru w'inama nshingamateka niwe afise ijambo rya nyuma ku bikwiye.

Bivugwa ko umuntu akwiye kwambara "ipantalo nziza, ijaketi, impuzu y'ikolo n'ikaravati ku bagabo n'ibija gusa n'ivyo ku bagore".

Bino bisabwa ku banyepolitike no ku bamenyeshamakuru, ivyo bigaca bituma abantu bidogera ingene iryo tegeko rishigwa mu ngiro.

Umumenyeshamakuru mu gisata ca politike Airlie Walsh yashize kuri Twitter ifoto y'umushingamateka Julie Bishop, akunze kwambara amakanzu y'amaboko magufi canke adafise amaboko mu nama nshingamateka.

Abandi bavuga ko ingingo yo gusaba Madamu Karvelas ngo asohoke "itesha agaciro" kandi "igatukisha" ku buryo hari abagore baciye bashira ku mbuga amafoto yerekana amaboko mu kurondera kumushigikira.

Ibindi bisa n’ibi