Prezida Nkurunziza yagiriza u Rwanda kurenga ku masezerano ya EAC mu guhungabanya umutekano mu Burundi

Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Nkurunziza avuga ko u Rwanda rumubaniye nabi

Prezida Nkurunziza w'Uburundi yandikiye umuhuza w'abarundi Kaguta Yoweri Museveni amusaba gukoranya inama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu vy'akarere k'ubuseruko bwa Afrika yo gutorera inyishu amatati ari hagati y'igihugu ciwe n'u Rwanda.

Mw'ikete yandikiye prezida Museveni, prezida Nkurunza yagirije u Rwanda ko rutera umudugararo mu Burundi rurenze kw'ibwirizwa rya gatandatu ry'amasezerano ya EAC.

Bimwe muvyo adondagura vyerekana uruhara rw'u Rwanda mu guhungabanya amahoro n'umutekano mu Burundi harimwo, ibitero bibiri vyabitwaje ibigwanisho avuga ko baje bava muri ico gihugu mu kwezi kwa mbere n'ukw'indwi mu 2015.

Hari kandi ngo no guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Iryo kete rigira riti: "Twarasavye umugwi ata ho wegamiye woza guhinyuza (Verification Team) ivyo tuvuga uraza mu Burundi, ariko u Rwanda rurawankira guhonyoza ikirenge muri ico gihugu.

"Harabaye ibitero bivuye mu Rwanda i Mugina mu ntara ya Cibitoke, Kabarore mu Kayanza hamwe na Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke.

"Dusaba ishirahamwe ry'akarere ko mu buseruko bwa Afrika kurenza ku ruhu rw'amazi ubuzima bw'abarundi bahagandaguriwe."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Prezida Paul Kagame w'u Rwanda

Iryo kete rivuga kandi ko hari ivyemeza ko u Rwanda rufasha abagwanya Uburundi haba muri politike, mu gisirikare no muvyo kubaronderera imfashanyo bari kumwe n'igihugu c'Ububiligi.

Ivyo kandi bavuga ko babimenyesheje amashirahamwe atandukanye harimwo ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwa Afrika ( EAC), iryo ibihugu bihurikiye mu karere k'ibiyaga binini (ICGLR), ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (UA) hamwe n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu.

U Rwanda ngo ruramaze kuvogera ikirere c'Uburundi nk'uko vyemejwe n'umugwi waje kubihinyuza (Joint Extended Verification Mechanism) itariki 16 z'ukwezi kw'umunani mu 2018.

Mu gihe cahise, u Rwanda rwahakanye ivyagiriji nka bene ibi.

Prezida Nkurunziza arahakana yivuye inyuma ko adashobora kwicarana n'abashatse kumutembagaza ku butegetsi.

Muri iryo kete abaza ikibazo ati: "Nibaba babona ko dukwiye kwicarana n'abashatse gutembagaza ubutegetsi, habuze iki ngo prezida Kagame yicarane n'interahamwe ngo baganire?"

Image caption Uburundi bwagiriza u Rwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 harimwo n'uwari abarongoye Godefroid Niyombare (i bubamfu)

Asaba ashimitse ko ibiganiro bigira gatanu bihuza abarundi vyoba inyuma y'inama idasanzwe ku matati ari hagati y'Uburundi n'u Rwanda, kandi hakigirwamwo ivyerekeye urupapuro rw'inzira rw'amatora ya 2020.

Aragaruka agashimangira ko ivyo biganiro vyoba birimwo imigambwe yemewe mu Burundi kandi ikorera hagati mu gihugu, ngo kuko ata mugambwe uri hanze kiretse abantu bayitirira basanzwe baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi.