OPP1 Nduwimana Prime yishe umugore wiwe amurashe yahanishijwe igipfungo co guherayo

Uwo mupolisi yafashwe yagirizwa kwica umugore wiwe amurashe
Image caption Uwo mupolisi yafashwe yagirizwa kwica umugore wiwe amurashe

Mu rubanza rw'ikibiriraho, sentare y'iyungururizo ya Bujumbura mu Burundi yahanishije igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose umupolisi mukuru yahamwe n'icaha co kwica umugore wiwe.

Uwo mupolisi wo mu rwego rwo hejuru yahamwe n'icaha co kwica umugore wiwe no gushaka kwica uruyoya rw'amezi umunani yari ahetse.

Nduwimana yishe umugore wiwe Hagabimana Louise ku musi wa kabiri bapfuye umukozi w'umukobwa umugore wiwe atipfuza ko abakorera mu kabare, amukeka ko ari umuhabara wiwe.

Mu ntahe yo kuri uyu wa gatanu, Nduwimana yemeye icaha ariko asaba sentare ko yoca inkoni ngufi kugira ashobore kurera abana basizwe n'umupfasoni wiwe.

Ygize ati: "Ndemera icaha ariko nosaba sentare guca inkoni ngufi kugira nshobore gukurikirana abana basigaye."

Miriyoni 250 z'indishi y'akababaro

Sebukwe Gahungu Aaron bariko baraburana, n'agahinda kenshi, yasavye sentare ko yomugenera ibirezo vy'abana basizwe n'umukobwa wiwe Hagabimana Louise, hamwe n'indishi y'akababaro y'imiliyoni 250.

Image caption Gahungu Aaron (i bubamfu), sebukwe wa OPP1 Nduwimana, yasavye indishi y'imiriyoni 250

Bwana Gahungu yagize ati: "Uyu mukwe wanje yantwaye umwana wanje. Namurihiye amafaranga yo kwiga menshi ariko arinze apfa ata n'isabune anguriye kuko umugabo yamubujije.

"Yari yaramugabishije ko azomwica none raba iryavuzwe riratashe.

"Ubu ni je mfise abana asize. Nsaba rero ico nobareresha hamwe n'indishi y'akababaro ingana n'imiliyoni 250"

Sentare imaze kwumviriza impari zose, yategetse ko OPP1 Nduwimana Prime apfungwa ubuzima bwiwe bwose, ku caha co kwica no gushaka kwica.

Yategetse kandi ko inzu yiwe ipangishwa amahera avuyemwo akazohabwa uwuzoba areze abana, co kimwe n'amahera yose azoza arava mu bubare bwiwe bubiri yari afise muri zone Kanyosha muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mupolisi Nduwimana Prime akaba yanaciwe ihadabu ry'imiliyoni 50 aha sebukwe Gahungu Aaron, amafaranga yose ari ku makonte yiwe na yo akaba yafashwe.

Ibindi bisa n’ibi