Congo imenyesha ko abakozi b'amagara y'abantu 12 bamaze guhitanwa na Ebola

Abakozi bo muvyo amagara y'abantu barabandanya kugwanya iyo ngwara ya Ebola harimwo n'uyu yikeka ko uwo mwana afise umugera w'iyo ngwara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakozi bo muvyo amagara y'abantu barabandanya kugwanya iyo ngwara ya Ebola harimwo n'uyu yikeka ko uwo mwana afise umugera w'iyo ngwara

Umushikiranganji w'amagara y'abantu mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo avuga ko abakozi mu vy'amagara y'abantu bashika 12 bamaze guhitanwa na Ebola.

Abo bakozi ni bamwe mu bakozi bashika 44 bamaze kwandura uwo mugera wa Ebola.

Ibi n'ibintu biteye umutima uhagaze abariko baragerageza gutuza iyo ngwara, ubu imaze gukwiragira mu bisagara birenga mirongo ibiri mu buseruko bwa Congo.

Kuva iyo ngwara yaduka mu kwezi kw'indwi, abantu 273 ni bizwi ko bamaze guhitanwa n'iyo ngwara .

Mugihe urucanco rushasha rumaze guhabwa abantu barenga 40.000 - rumaze gufasha kurokora abantu nk'uko abategetsi babivuga, abagwanyi bitwaje ibigwanisho bari mu izo ntara zigeramiwe na Ebola za Kivu yo mu buraruko na Ituri baguma ari ikibazo mu kugwanya iyo ngwara.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryari riherutse kugabisha ko intambara zibera mu buseruko bwa RD Congo ziburizamwo utwigoro two gutuza ikiza Ebola cahitanye abantu 24 mu ndwi iheze.

Umuvugizi w'umunyamabanga wa Onu, Stephane Dujarric, yavuze ko imigwano yadutse hagati y'imigwi yitwaje ibigwanisho mu karere ka Nord Kivu vyongereje ugushobora gukwiragira k'uwo mugera muri Congo no mu bihugu bibanyi vy'Urwanda na Uganda.

Hageze aho ico kiza coba kigeze aho gifatwa nk'ibangamiye amagara y'abanyagihugu ku rwego mpuzamakungu, nk'uko vyagenze igihe Ebola yatera mu burengero bwa Afrika mu 2014 hamwe no mu 2016 igihe Zika yatera muri Amerika y'epfo.