Abantu 17 bishwe mu bitero bibiri mu buseruko bwa Congo

Umuntu afise inkoho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bivugwa ko abagwanyi bateye ikambi za gisirikare

Mu makuru yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru AFP bivugwa ko nimiburiburi abantu 17 bishwe n'abagwanyi, mu bitero bibiri vyabereye mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Umuvugizi w'igisirikare co muri ako karere yavuze ko batanu mu bapfuye - mu ntara ya Beni iri ku rubibe rwa Uganda - bishwe mu gitero cagabwe ku makambi ya gisirikare y'ahitwa Paida.

Leta ya RD Congo imaze igihe itunga urutoki umugwi uturuka muri Uganda "Allied Democratic Forces" (ADF) kuba ariwo ukora ubwo bwicanyi, ubusuma hamwe no kunyuruza abanyagihugu, ariko AFP ikavuga ko rimwe na rimwe bigora kumenya abatera abaribo.

ADF ni umugwi watangujwe mu myaka y'i 1990 n'umuntu wo mw'idini rya Islamu wo mu misozi ya Ruwenzori, mu burengero bwa Uganda.